Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kayanza : Ikomborwa rya musitanteri ryakurikije amategeko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kayanza : Ikomborwa rya musitanteri ryakurikije amategeko

Kayanza : Ikomborwa rya musitanteri ryakurikije amategeko

jeudi 12 Nyakanga 2013

Musitanteri wa komine Kayanza yakuwe mu mabanga yahora ajejwe yo kurongora iyo komine, bivuye ku nyifato zitabereye yerekanye, ndetse bica bituma buramatari w’intara ya Kayanza aca afata ingingo yo kumubogoza.

Kubwa François Bizimana, umuhinga mu bijanye n’amategeko agenga amakomine, akaba kandi yahoze ari umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Matana. Bizimana avuga ko hisunzwe amategeko mugukura musitanteri wa komine Kayanza mu mabanga yahora ajejwe. Buramatari w’intara ya Kayanza yasabwe gusigura ico kibazo imbere y’inama mpanuzwajambo ya komine, kugira n’imiburiburi abagera kuri 12 bemeze ko uyo musitanteri akuwe mu mabanga yahora ajejwe hisunzwe amategeko.

Uwo muhinga mu bijanye n’amategeko agenga amakomine akaba ari nawe yasomye urubanza rwo gukura uyo musitanteri yahora atwara komine Kayanza, yavuze ko iyo ngingo yafashwe izogira ingaruka mu ntwaro, mu bijanye n’itegeko komine igenderako be n’itegeko rigenga amatora.

François Bizimana yahamagariye inama mpanuzwajambo ya komine kwiga neza ico kibazo c’uwo yahora ari musitanteri, na rirya abagize inama mpanuzwajambo ya komine asanzwe ari abantu batanganzwa na musitasinteri haba uno munsi canke canke mu myaka iri imbere kuko, ari musitanteri wa komine yatanze amazina y’abakorana nawe kugira baheze batore uwurongora komine.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.