Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kayanza : Irwirirana ry’abantu kimwe mu bituma umwimbu ugabanuka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kayanza : Irwirirana ry’abantu kimwe mu bituma umwimbu ugabanuka

Kayanza : Irwirirana ry’abantu kimwe mu bituma umwimbu ugabanuka

jeudi 19 Ruheshi 2014

Abanyagihugu bo mu ntara ya Kayanza bavuga ko bagiye kwicwa n’inzara kuko batakigira aho barima, amatongo yaze, mu gihe iyo ntara ya Kayanza nayo iri mu ntara zirimwo abantu benshi.

Naho abo banyagihugu bahumurizwa n’abajejwe intwaro ko ico kibazo c’igabanuka ry’umwimbu bagiye kugifata mu minwe, bavuga ko uruzuba narwo rwaciye ruza rusongera isibe, aho umwimbu waciye ugabanuka, ndetse bikunyurwa n’ikeha ry’isi ndimwa hamwe n’itituka ry’isi. Zimwe mu mbuto zahora zirimwa aho mu ntara ya Kayanza, ubu ntizicama, ugasanga uwakubise isuka hasi ntaco yimbuye, kuko isi yatitutse.

Ku bwa Vianney Ndikumana, umuhanuzi wa buramatari w’intara ya Kayanza, avuga ko abanyagihugu borema kuko bariko barakora uko bashoboye kugira abanyagihugu ntibagume mu bukene bwo kubura ico bafungura, na cane cane mu kubasaba ko botera imbuto zirinda izuba, bakongera bakirinda guhungabanya ibidukikije, kuko biri mu bituma bikingira impanuka z’isi n’indimo.

Mwomenya ko muri iyo ntara ya Kayanza inyigisho zo kwigisha abanyagihugu kuvyara abo bashoboye kurera zitangwa, mu kugabanya umurindi w’irwirirana ry’abantu hamwe no kwijukira kuba mu bigwati kugira abanyagihugu ubwabo bashobore kutaba intambamyi z’ikeha ry’isi ndimwa, mu guhereza ibibanza birimyemwo amazu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.