IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza : Isoko ya kijambere ifise ibibanza 930 yuguruwe icese

Kayanza : Isoko ya kijambere ifise ibibanza 930 yuguruwe icese

mardi 1er Mukakaro 2014

Isoko ya kijambere ya Kayanza yuguruwe icese ikaba ifise ibibanza 930. Ibikorwa vyo kuryubaka bikaba vyatwaye amafranga agera ku muriyaridi n’imiriyoni 720 y’amarundi, bikavugwa ko itangwa ry’ibibanza muri soko ryabayemwo umuco udasanzwe.

Isoko nshasha yo mu ntara ya Kayanza yuguruwe icese kuri uno wa mbere igenekerezo rya 30 Ruheshi 2014. Iyo soko ya Kayanza ifise ibibanza 930, iyubakwa ryayo ryatwaye amafaranga y’amarundi angana umuriyaridi n’imiriyoni 720, aho umunyagihugu umwe wese yategerezwa guterera. Abagiye bashikiriza amajambo muri ivyo birori, baragarutse kukuvuga ko hobaho ingingo zotuma bafata neza iyo soko hamwe no kurikingira na cane cane muri kino gihe isha ry’ayo masoko ryabaye ndanse. Kimwe mu vyasabwe ni ukwirinda kwubaka utuzu dukozwe mu mbaho (kiosques) hamwe no gushiraho imirwi ihurikiyemwo bose ijejwe umutekano w’amasoko.

Tubamenyeshe ko isoko mfatakibanza ya Kayanza yaheruka gusha mu gihe ibikorwa vy’iyo soko nshasha ya kijambere vyari vyarangiye. Muri sendika SYGECO bakaba barashimye ingene ibibanza vyatanzwe, kuko vyakunze barakorana n’abajejwe intwaro hamwe n’abaserukira abadandaza muri komine ya Kayanza, abahahora akaba aribo babanje guhabwa. Muri Sendika SYGECO bagiriyeko basaba abategetsi bajejwe gutanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU ko bobonera akarorero kw’isoko ya Kayanza mu gutanga ibibanza, nk’uko vyashikirijwe na Martin Sindaruhuka, icegera c’uwurongoye sendika y’abadandanza SYGECO.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.