IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza : Petero Nkurunziza yaribukije ko intara ziriko zirahiganwa mu (...)

Kayanza : Petero Nkurunziza yaribukije ko intara ziriko zirahiganwa mu bikorwa vy’iterambere

samedi 20 Mukakaro 2013

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ari kumwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana barakoranije ku munsi w’ejo kuwa gatanu imvukira zo mu ntara ya Kayanza. Muri iyo nama yabereye muri komine Gatara harimwo kandi n’indongozi zo muri iyo ntara hamwe n’abikorera ivyabo, barahanahanye iviyumviro kw’iterambere ry’intara ya Kayanza n’iry’igihugu muri rusangi.

Nk’uko amakuru ava mu biro vy’umukuru w’igihugu abimenyesha, intumbero ya mwene izo nama zitegurwa ku mwezi ku kwezi, ni akaryo k’umukuru w’igihugu ko gushika mu gihugu kwirabira ibikorwa mu ntara mu ntara haba mw’iterambere, mu butunzi, mu mibano, mu mutekano, aho mbere abo vyega bafata umwanya wo guhanahana ivyiyumviro.

Mw’ijambo ry’ikaze, Buramatari w’intara ya Kayanza yamenyesheje intambwe intara ya Kayanza yateye mu nyigisho zo mu mashure mato mato, aho muri uyu mwaka w’ishure, ku rwego rw’igihugu yabaye iya gatatu mu kibazo ca Leta gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu mashure yisumbuye ku banyeshure bahejeje amashure mato mato. Mwomenya ko ku mwaka uheze, intara ya Kayanza yari iya 16 mu ntara 17 zigize igihugu c’Uburundi.

Mu gisata c’abikorera ivyabo, abadandanza bo mu ntara ya Kayanza basavye umukuru w’igihugu ko ikigo kijejwe gukororokanya amakori ya Leta (OBR) mu Kayanza cohabwa abakozi bakwiye kugira umwanya bamara barindiriye ko ibidandazwa vyabo bihabwa uburenganzira bwo gusohoka ugabanuke bimwe biboneka. Abo badandaza babandanije basaba ko amabarabara yanonekaye yosanurwa kugira boroherezwe iyo bariko barahanahana ibidandazwa.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana yararemesheje abo badandaza bo mu ntara ya Kayanza abamenyesha ko ayo mabarabara agiye gusubirwamo, mbere ko ibikorwa bigiye gutangura mu ndwi ziri imbere.

Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, inyuma y’impanuro yahaye abari muri iyo nama ko bokwijukira ibikorwa bakaja mw’ihiganwa ryo kuduza iterambere ry’intara bakomokamwo, yaragarutse ku kibazo c’umutekano muke n’akajagari vyari bimaze iminsi biterwa n’abantu biyitirira abayoboke b’umwigeme Zebiya, bakaja gusengera ku musozi w’i Businde bita ko ari ikibanza ceranda. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko Leta y’Uburundi itazokwihanganira ako kajagari kavanze n’ugusuzugura amategeko.
Yasavye abanyagihugu bo mu ntara ya Kayanza kwima amatwi abatanga inyigisho z’ibinyoma, kuko uretse gusa ko zitaba zivuye ku Mana, ahubwo kandi ziba zigamije gutosekaza umubano. Yibukije ko mwene izo nyigisho arizo ntanduruko y’umutekano muke mu ntara.

Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yarangije asaba indongozi zo ntara ya Kayanza guhagurukira ikibazo c’irwirirana ry’abantu, bakomeze inyigisho ku miryango imenye ko kuvyara abo bashoboye kurera ariyo ntango y’iterambere.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.