Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kevin Federline arashima umugabo mushasha wa Britney Spears - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Kevin Federline arashima umugabo mushasha wa Britney Spears

Kevin Federline arashima umugabo mushasha wa Britney Spears

jeudi 14 Munyonyo 2013

Mu kwezi kwa Nzego guheza uno mwaka w’2013, Britney Spears na Jason Trawick barahagaritse kureshanya. Haheze iminsi mikeyi, uwo munyamerikakazi yubuye uwundi musore w’umuyabaga, ku mugoroba w’umunsi mukuru w’abakundana”Saint Valentin”.

Ha! uwo munsi w’igitangaro aho Britney Spears yiyerekana nk’umupfasoni. Ariko n’uwo muyabaga yari yamushimye nk’uko ntiyaretse kuguma yegera aho Britney Spears yicaye. Abo barabana ijisho ryakunze. Mu mpera z’ukwezi kwa Ntwarante uno mwaka nyene (2013) baraheza barabana. Uwo yaronse yitwa David Lucado, afise imyaka 28, akora mu biro vy’umucamanza kandi aboneka ko ari intore. Britney nawe afise imyaka 31.

Nimba hariho umuntu atashimye iyo migenderanire yabo, ni Kevin Federlin, yahoze ari umugabo wa Britney. Bavyaranye uduhungu 2, Sean Preston na Jayden James. Se wabo bana ntashaka kubona Britney ari kumwe na Lucado kuko womenga wewe ntiyigeze aba umugabo wiwe, kandi imbere ya Britney yari yararongoye abandi bagore batatu, ubu rero areze abana batanu babo bagore kandi yivugira ko atekanye.

Igitangaje rero n’uko ku wa gatandatu uheze, Britney yatwaye David Lucado imbere y’uwo bahoze bubakanye, aho bari bagiye kurorera urukino ry’umupira w’amaguru rukinwa n’abo bahungu Sean Preston na Jayden James , abo bagabo basangiye umugore baraheza baratera ryarenga. Kevin ati : " ni umbwa mbere tuyaga nawe kandi n’intore".


Chérif Nkeshimana

Messages

  • N’ubusambanyi bweruye busigaye bubera ahagaragara. Ngo yari asanwze yararongoye abandi bagore batatu!!? Ubu kandi azorongora n’abandi barenze abo. Ahandi naho ngo umugore ahejeje kwahukana afise imyaka 31 aciye arongorwa n’umugabo w’imyaka 28. Rindira umwaka uhere uzumva nabo ngo bavane. Mbega ko nzirikana abagore b’abazungu batinya gutwara inda murabona azemera kumuvyarira?! Ese uhoraho yobagendera bakagenderwa n’agakiza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.