IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kigingi umuhinga mu gutwenza yarekuwe

Kigingi umuhinga mu gutwenza yarekuwe

vendredi 1er Ndamukiza 2016, par egide

Alfred Aubin Mugenzi azwi kw’izina rya Kigingi, umuhinga mu gutwenza yahora apfungiwe mw’igendereza i Bujumbura, yarekuwe ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu. Yari yafashwe yagirizwa ugutuka umukuru w’igihugu.

Uwo asanzwe ateramisha abantu mu bibanza bitandukanye hamwe no ku nsamirizi Buja FM yahora ari Radio 10, yari yafatiwe mu ntara ya Muramvya kuri uwu wa kabiri, aho yari mu bikorwa vy’uguteramisha abantu, mu birori vy’ugukundisha ikinyobwa ca PRIMUS.

Abajejwe igendereza mu ntara ya Muramvya bamufatiye mw’ihoteri "Baze Lodge", ijoro rya mbere akaba yariraye mu gasho k’i Muramvya, mu nyuma aca amanukanwa i Bujumbura aho yahora apfungiwe imbere y’uko arekurwa kuri uwu wa gatanu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.