IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kikwete : "Abashaka kwitoza bose bubahirize amasezerano y’i Arusha (...)

Kikwete : "Abashaka kwitoza bose bubahirize amasezerano y’i Arusha n’ibwirizwa nshingiro"

vendredi 20 Ntwarante 2015

Mu rugendo yari amazemwo iminsi ibiri, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya asaba abarundi kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, amasezerano y’i Arusha hamwe n’itegeko rigenga amatora.

JAKAYA MRISHO KIKWETE, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya ari nawe asanzwe arongoye inama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, yasavye abashaka kwitoza bose, ko bokubahiriza amasezerano y’i Arusha, ibwirizwa nshingiro hamwe n’itegeko rigenga amatora. Asaba aba abarundi kubandanya bashigikira amahoro n’umwumvikano, no gushira imbere ibiganiro.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, akaba yavugiye ivyo ku kibuga c’indege ca Bujumbura, igihe yagira asubire inyuma. Ivyo, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, akaba yabivuze, mu gihe icuka kitari ciza hagati y’abanyeporitike, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike n’abandi, bivuye ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu.

Muri urwo rugendo yarimwo mu Burundi rero, JAKAYA MRISHO KIKWETE akaba yarashoboye kubonana n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, umubonano wabo ukaba wamaze iminota 45, mu nyuma aja mu bikorwa vy’inama nshingamateka y’Afrika y’Ubuseruko, biriko bibera i Bujumbura, ivyo navyo bikazomara indwi zibiri.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mwanditsiwe kuberiki uvugabeza ngoyavuzekwarukwubahiriza amasezerano y’Arusha ariko ukacuvukango nokwubahiriza ibwirizwashingiro? Ndashaka kukwereka agakosha nagutoyeko nakonakagakurikira’ vyaguteyisoni kuvigako iryobwirizwashingiro ariryuburundi? Rabawakomeje kuvigako yavuze kwarukwubahiriza ibwirizwashingi! Maze wewe mwanditsi wakomeje kwirinda kubwira abasomyi iryobwirizwashingiro igihugu caryo icarico!!!. Ubona utarigupfuma wimura ivyanditswe na BBC?

  • @ Nuwera.
    Mbere yo gukosor’ aband,’ utegerezwa kubanza ukiga kwandik’ ikirundi neza, kubera mucongereza bac’umugani ngo :charity begins at home. Mbe ko mbon’umengo wigir’ umuvugizi wa CNDD FDD,kur’iyi site naho tutigeze tugutuma kutuvugira, ntubona ko bitetey’ isoni kwandik’ ico kirundi wandika.

  • @ The Nationalist, ndagushimiye Ko wemeye ivyonavuze arikogusa ukababazwanuko nandika nabinabi ikirundi. Ariko ntiwitubagizeko nawe mumajambiwanditse unyenereye sinobura ikosha ndagutiramwo ariko jewe ndumuhinga karuhariwe nubwowihenze ndaheza nkabona icowariwashatse kuvuga kuko ndumuhinga. Ndashaka rerokukubwirako uyumwanditsi sukubera yanditsenabi ikirundi narinashatse kukwerrkako aho’ umukuruwigihugu ca Tanzania yavuzengo: Nukwubahiriza ibwirizwa shingiro ryu Burundi, uyumwanditsi yakomeje mukuvyandika yirinda gushirako u Burundi yavyandikango; Umukuru wigihuguca Tanzania yavuzeko arukwybahiriza ibwirizwashingiro. Urumva Ko uyumwanditsi yakomeje kuzarajurako u Burundi ubisomye kubera atashirako u Burundi ntumenya iryobwirizwa ryokwubahirizwa ugumawibaza niryomugihugu ikihe? Ndagusavye usubure usome iyinyandiko guhera kumutwe winyandiko ubandanye nomumutumba uzagusanga atavuze iryobwirizwashingiro igihugu caryo. Nayahandiho ndabakundamwese.

  • ndamushimiye nyakubahwa Kikwete kuko yatomoye neza abobose bafise ivyobadahurizako nabandi bokwitura sentare ijejwe kubahriza ibwirizwa shingiro

  • @Nuwera

    Ibintu biri clair. Kikwete ashigikiye ko amasezerano ya Arusha n´ibwirizwa nshingiro vy´uburundi(kuko nta kindi gihugu yariko aravuga) bikurikizwa. Nizere ko Nkurunziza yumvise impanuro za mukuru we!

  • nibishoboka nitwemera iyo nikutufuka amaso abanyagihugu.areke politike pita nuko yivye nakera.

  • nuwera nogusaba ko worondera umuntu agufasha kwandika ikirundi ahandi ho niwaba koko uri umurundi saba abo uvugira bagushire mw’ishule usubire wige kwandikika neza ikirundi kandi kera wiyita mama none ubu usigaye witwa nuwera eka koko uruwera nico gituma atanikirundi izi hiiiiiiiii.

  • Burya rero usanga abantu bandika benshi ari nkabanyamahanga kuko mutanguye guharira kandi babasavyeko mutanga ivyiyumviro bifasha abasoma ano makuru musanga muriko muta intumbero yivyo musabwa gukoraico novuga niki
    - umukuru wigihugu ca tanzania iyo asavyeko abakwitoza bose bokurikiza ibwirizwa nshingiro n,amasezerano ya arusha,uri umuntu uzi ubwenge uca utahura abo yabwiye nivyo yashatse kuvuga
    - Nuwera we urateye isoni iyo uriko uvuga ngo uri umuhinga werekana ubuhinga ufise arubwamafuti,uyo yanditse
    - yabikuye?
    - vyavuzwe nande?
    - uyo mukuru w,igihugu yagendeye bande?
    - mbe ko yashikirije ijambo yarikumwe nande?
    - mbe twebwe abarundi twari dufise uyo mushitsi ivyo yavuze vyoba bituraba canke biraba tanzaniya
    - mbe ivyo yasvye ko twokora abarundi babifisemwo uruhara?
    Utwo nitwo tuntu wokwibaza ukiha inyishu nayo kuvuga urya yanditsibi nabiriya ubona wewe harico uriko ufasha abakurikirana ivyo ushikiriza
    Mbega iryo bwirizwa nshingiro canke ayo masezerano ariko ararengwa ababisinye sabonyene babirengako mbe wibaza ko imyaka cumi ari ikinjana?iba myinsi utarahaja wahashika ikakubana nk,umunsi umwe,abarundi dukwiye gutahura kubisikanya kubutegetsi akamaro kavyo
    Nagira ndabibutse ko nurya mukuru wigihu ca tanzania nawe hageze ko asubirizwa nuwundi kandi aravyumva kandi arabitahura uyumwaka arahava

  • @ Nuwera.
    Biribonekeza k’ ur’ umuhinga kabuhhariwe kabisa. Biranter’ agahinda kubonda kubon’ igihugu cacu cyuzuyem’ abahinga kabuhariwe bafit’ imitekerereze nkiyaawe, kuko si wewe wenyene muri Reta yacu 98% ar’ abahinga kabuhariwe kur’ iyo nivo yawe. Nyo mpanv’ uc’ ubon’impamvu uburundi bumara 10years ntanintambwe nimwe buteye, mwiterambere.

    Mb’ ufit’ imyak’ ingahe wakuriye he cank’ abakureze bakumariy’ iki namba batarakwishije kwandik’ ikirundi, mbe cndd fdd yo mbon’ uvugira cane nti woyeger’ ikakwigisha kwandi first????

    For your own info: Umunyamakuru yandits’ iyi nkuru kimwe nabandi banyamakuru bose, bafata ko abantu baje gusoma ngah’ ari abantu bakuze kandi bakoresha 5 com senses bakagira analyse ibyo basomye. Mbe kuri perspective yawe wasomye Kikwete yari yagendey’ ikihe gihugu??? Congo?? Usa canke Ubundi???

    Namb’ udashobora kutahur’ igihugu ibwirizwa shingiro bavuga ryega, uri kuri novo yihe yimitekerereze. Be mubanza mutekereze mbere yo kubaza canke kuvug’ ubusa.( Who,what,when,where and why ) byoba byiz’ ugiye wibaza mbere yo kwibonekeza nkuruyoya kuri iyi site. Weekend nziz’ ahasigaye.

  • @ Muyaga, ivyomuvuga ntawobibaganyira arikogusa mwirinde kubivugana akagaye,
    Nkukonababwiye ko ndigihangange ndabona hariho ivyuzi nibindi utazi ariko muvyowavuze kurijewe ndabona vyumvikana ariko ushoborakuba hariho icutazi niwabawabigize ubibona nakazikawe, ariko rekandakubwire muncamake ikintu nyamukuru wirengangije gikwiyekwubahirizwa igihecose urikurandika inkuru yavuzwe kurikirana: Wavuzengo prezida wa Tanzania koyavugiye canke yarikwaravuga ibijanye nuburundi ngokobitari bikenewe uwandika ivyoyavuze kwadinda kuzarashirako uburundi, iryorero nikosha kumuntuwese yandika canke nukwihenda gukomeye kumuntu abarikwarandika inkuru. Ukwovyarikugendarero nuku: Mururiyamutwe wabajambo yanditse yarikwigora agashiraho u Burundi muriyimvugo: KIKWETE:" ABASHAKA KWITOZA BOSE BUBAHIRIZE AMASEZERANO Y’I ARUSHA N’IBWIRIZWA NSHINGIRO RY’I BURUNDI.
    Ahohorero mumutwe wamajambo yamaze kuvyandika gutyo nihohaba hatagikenewe kurindakuguma wongera kwangika igihugu ciryobwirizwashingiro ryavuzwe mumutwe wamajambo.
    Mutikibazo kirihehe? Mfashe ibibintu vyanditswe nkabihomeka ahandihantu mberenkabishira murundirurimi gutinyene ntongeyemwo ayandimajambo vyogorana kumenya iribwirizwashingiro igihugu caryo, ariko kurayamasezerano y’Arusha murabonanyene bicavyoroha kukobashizeko Arusha, irikibwirizwanshingiro ryavuzwe ntibavuge igihugu caryo icarico hariho ikiburanye.

  • igihugu nicabarundibose ntabwo ricabagumyabangabonyene amahoro kubantubose?

  • Ko mbona Abanyarwa,nako Abanyarwandaaribo buzuye kuri iti site?Mufise misson ki mwaba nyarwanda me mu Burundi?Barababeshe mwambura kimazi mwe kuko u Burundi nubw’abarundi mes chers paysans rwandais..!!

  • Mwa ba DD mwe mwumvise? Na so wanyu wo mwibatisimu yabagabishije Hahaha! !! He(KIKWETE) can’t dare come to rwanda and talk such rubbish, Burundi waragowe.hanyuma aka kiyise ngo ni said hamad, abanyarwanda ntago ari imburakimazi uzabaze ntago ari nkamwe mwirigwa mu mayoga nimyiyerekano itagira ishingiro aho guteza imbere igihugu,hama utwise aba paysans? Really?Ok but we have dignity and none can mess with us that’s what important for us.

  • Wowe wiyita Saidi Hamad, how you dare bring Rwanda and Rwandan people in your no sense talking and backward politics of your country, If you can not make sense of what you are saying please shut up. Rwandan people can not accept to be mixed up in what is happening in your country. We cherish our dignity so much that anyone we can dare play around with it will face terrible consequences. If you are able to understand some few figures and simple mathematics look at the following
    1. In 2014 Rwanda’s GDP stand at 7.521 Million US Dollar
    2.in 2014 Burundi had a GDP of 2.715 Million US dollar
    So can u compare the 2 countries, if you ever stepped inside a class room, Imburakimazi nibande?

  • Uwo atabona ibwirizwanshingiro Kikwete yavuze ntazi kugira mise en situation?Nta contexte abona?Nasubire kw’ishule ntaragera kugira commentaire kubivuzwe n’abakuru b’ibihugu baciye ubwenge

  • Jewe Icombona Nuko Abarundi Tworeka Guhendwa Nacanecane Twebw’ugwaruka,tureke Kwishinga Inyungu Zabanyepolitike.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.