Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kinama: Ingingo y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura yateye akajagari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Kinama: Ingingo y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura yateye akajagari (...)

Kinama: Ingingo y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura yateye akajagari mw’isoko

mardi 26 Munyonyo 2013

Abarongoye komite y’isoko ya Kinama mu gisagara ca Bujumbura, baratangazwa n’ukwivanga kw’abategetsi barongoye igisagara, mw’itunganywa ry’uburongozi bw’abadandariza muri iyo soko, mu gihe abo badandaza bavuga ko hoba hinyegeje inyuma imvo za poritike.

Kandeke Jeri yahora arongoye komite y’abandariza aho mw’isoko mu Kinama ubu akaba yakuwe n’ikete ry’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, avuga ko yagirizwa ko yoba amaze igihe kirekire arongoye komite y’iyo soko. Kandeke akaba amenyesha ko yizewe n’abo bakorana akazi ko kudandaza kugira ashobore kurongora umurwi wiga ingorane z’isoko, ugatatura amatati aba ari hagati y’abandandariza aho mw’isoko ata ngorane n’imwe irinze kuvyuka, canke ngo bije mu migere. Ubu rero agatangazwa n’ukwo uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura bushobora kwisuka mu bijanye n’ukwo amatora y’abarongora abandi mu bandandaza yagenze. Kandeke kandi, akaba anatangazwa n’ukwo babujijwe kugira inama kuri uyu wa gatanu aho mw’isoko, ariko abari mu mugambwe CNDD FDD bo bakaduza amabendera, mu nama baciye batunganya, ari ukwo iy’abahadandariza iburijwe.

JPEG - 27.6 ko
Saidi Juma umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Ku bwa Miburo Joseph asanzwe ariwe yagenywe n’umukuru w’igisagara kugira abe ariwe arongora umurwi utegura amatora aho mw’isoko ya Kinama, asaba abadandariza aho mw’isoko kwubaha iryashikirijwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, maze abadandaza barindire aho intahe izoshira, mu matora ariko aratunganywa. Miburo akaba asaba abanse kudandaza ku munsi w’ejo igenekerezo rya 25 Munyonyo ko bosubira ku mirimo uno munsi, hanyuma niyo bamutora, canke bagatora uwundi, ntibize bitume ubuzima bw’isoko buhagarara.

N’aho biri ukwo, abadandariza aho mw’isoko bo, bakaba bavuga ko uyo Miburo atageza kubatwara, kuko ivy’inzego zibarongora atari umukuru w’igisagara ca Bujumbura Saidi Juma ababatorera, ahubwo ari bo nyene bazozishiriraho, bakavuga ko Kandeke Jeri ariwe batoye, kandi ariwe azoguma abarongora, gushika igihe batoreye uwundi. Abo badandaza, bakaba bemeza ko bariko bashiramwo ivy’imvo za poritike mw’itunganywa ry’ubwo burongozi bukenewe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura.

Naho hari abatariko baradandaza biyamiriza iyo komite yagenywe na Saidi Juma, hakaba hari umurwi w’abantu bake bariko barabandanya akazi, abo amatwi adusumira, bakaba boba bari abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.