Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
King Plata agiye gushira album yiwe yambere k’umugaragaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > King Plata agiye gushira album yiwe yambere k’umugaragaro

King Plata agiye gushira album yiwe yambere k’umugaragaro

vendredi 7 Ruheshi 2013

King Plata ni umusore w’umurundi afise w’imyaka 24, ubu akaba ariko aritegura gushira ku mugaragaro umuzingo wa mbere w’indirimbo ziwe, ikaba igizwe n’indirimbo icumi ziri.

Izo ndirimbo ziwe zitandukanye zivuga cane ku mvo z’uyu muririmvyi ndetse n’izina ryayo. Uru rukurikirane rukaba rwitwa “ Ndi umuntu nkawe”, King Plata igihe yaganira n’ikinyamakuru “IGIHE” yarivugiye ati: “Imvo zanteye kwita iyi album gutya, nukugirango nivugire ubwanje n’abagenzi banje, numvikanishe ko Abanyamwema ( Albinos) turi abantu nk’abandi kuko usanga hariho abantu bamwe bashaka kutaduha agaciro nk’akabandi”.

Iyi album ikaba izoshirwa ahagaragara mu giteramo c’uyu muririmvyi kizobera kuri musee vivant hano i Bujumbura kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi 2013, aho azoba afashijwe n’abaririmvyi benshi bo mu Burundi aho twovuga Mkombozi, Rolilo na Roliane wiwe, umurwi wa Indimu, umurwi wa The Cousin, Black-gy n’abandi benshi batandukanye.

Nk’uko King Plata yabandanije avyiivugira, ngo iki giteramo gifise intumbero zibiri ari naco camuteye ahamagara abarirmvyi benshi kandi bakundwa, kuko azoba arico gushira uyu muzingo wiwe kumugaragaro no kwemenga ko abanyamwema ari abantu nk’abandi kandi ko nabo bafise ivyiyumviro birashe nk’uko azoba yavyerekanye mu gushira ku mugaragaro album y’indirimbo icumi zirimwo ivyiyumviro bitandukanye.

Arangiza ashimira abantu bose bamushigikiye, anabwira abumviriza ndirimbo ziwe ko bokwumviriza impanuro zirimwo, ivyo bigafasha abafise ibibazo bitandukanye kubijanye n’abanyamwema.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.