Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kiriri: Urugo rwa Agathon Rwasa rukikujwe n’abapolisi benshi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kiriri: Urugo rwa Agathon Rwasa rukikujwe n’abapolisi benshi

Kiriri: Urugo rwa Agathon Rwasa rukikujwe n’abapolisi benshi

vendredi 13 Nyakanga 2013

Mu gihe Agathon Rwasa yari yateguye ikiganiro n’abamenyeshamakuru muhira iwe i Kiriri ku bijanye n’ibimaze iminsi bivurwa ko hoba hagira hatangure amatohoza ku bijanye n’ubwicanyi bwakorewe impunzi z’abanyamurenge, abapolisi benshi bari ku kirimba iwe, aho ndetse bari baje basa n’abafise intumbero yo kuburagiza ico gikorwa naho basanze gisa nikirangiye.

Muri akakanya nyene rero, abapolisi ni benshi muhira kwa Rwasa, bamwe bakikuje urugo asanzwe abamwo, abandi bari imbere mu rugo. Abamenyeshamakuru benshi harimwo n’abakorera amaradiyo yo hanze niho bari. Rwasa rero avuga ko ivyo bamwagiriza atavyo azi na cane cane ko hariho uwavyiyemereye ku maradiyo atandukanye. Ku bwiwe ibiriko birakorwa ntibikurikije amategeko. Akabandanya avuga ko ivyo ari ugushaka kumubuza kubandanya urugamba rwa politike, ariko akavuga ko atazohesha kuvuga ibitagenda neza mu Burundi.

Muri aka kanya nyene Aimé Magera umuvugizi wa FNL yo kwa Rwasa akaba ariko aravugana n’umwe mu bapolisi bakomeye ari ku rugo kwa Rwasa. Bamwe bariko baribaza ndetse ko Rwasa Agathon ashobora n’uguhagarikwa, baravye ukwo abapolisi bari aho i Kiriri baguma ku materefone. Umutahe umuhagarika ushobora gusohoka mu kanya na kanya.

Ivyo kwa Rwsa rero bikaba ari akayobera bahinga kuko n’umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi ahejeje kubarira bagenzi bacu ba radiyo isanganiro ko atazi ico abo bapolisi bariko barakora aho ku kirimba kwa Rwasa, ko niyabimenya aza kugira ico ashikirije.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.