Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kirundo : Abanyamigambwe basabwa kureka kuryana bapfa poritike - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kirundo : Abanyamigambwe basabwa kureka kuryana bapfa poritike

Kirundo : Abanyamigambwe basabwa kureka kuryana bapfa poritike

samedi 23 Myandagaro 2014

Buramatari w’intara ya Kirundo ahamagarira abanyamigambwe kwubahana n’abo badasangiye ivyiyumviro vya poritike, mu nama yagiranye n’abarongoye amakomine yose y’iyo ntara, bari kumwe n’abakuru b’imigambwe ikorera mu Kirundo.

Reveriyano Nzigamasabo akaba yavuze ivyo, mu gihe intara ya Kirundo imaze iminsi yabaye nk’iciro ry’umugani ku kutihanganiranira mu vyaporitike. Buramatari Nzigamasabo akamenyesha ko kudasangira umugambwe canke abadasangiye ivyiyumviro vya poritike badaca bacika abansi. Iyo ntara ya Kirundo ikaba yaravuzwe cane muri izi yinga zibiri turangije. Ivyavuzwe cane, akaba ari amazu atanu y’Abadasigana ba UPRONA bivugwa ko bashigikiye umushingamateka Karori Nditije yaturiwe aratokombera, co kimwe n’iyindi y’umunywanyi w’umugambwe CNDD-FDD, nayo umunywanyi w’umugambwe Frodebu Nyakuri nawe, akaba yarakubiswe ahakwa gukurwayo ijisho.

Muri iyo ntara ya Kirundo rero ukutihanganiranira mu vya poritike kukaba kwibonekeza hagati y’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri na CNDD-FDD, hamwe n’umugambwe w’Abadasigana UPRONA na CNDD-FDD.


Aristide Nizigire

Messages

  • MBEGA ABO BASHONJI MWUMVA BAPFA IKI!!!??nTIBARABONA KO ABO BAHUTU BABO BARONSE BABARIRA KO ?BARASHAKA BATORE MINANI WABO WE AMAZE GUHAGA ASHOBORA KUBAHAKO ..EWE BAHUTU MWARAGOWE MBE KO MBONA MUGUMA MUHIGANA NONE NICO MWAGIRIYE MW ISHAMBA????NDAZI KO ATARI ICO...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.