Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kirundo : Abo bita "IBIPINGA" ntiborohewe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kirundo : Abo bita "IBIPINGA" ntiborohewe

Kirundo : Abo bita "IBIPINGA" ntiborohewe

vendredi 4 Ndamukiza 2014

Inyuma yaho umukuru w’umutumba Rugero ya kabiri co kimwe na bamwe mu mbonerakure bafatiwe bagapfungwa bagirizwa kuba bakubise bamwe mu “BIPINGA” bo mu mugambwe FRODEBU bararekuwe.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 3 Ndamukiza uyu mwaka, bamwe mu bapinguye ibipinga (Abatavuga rumwe n’umugambwe CNDD FDD) bararekuwe, haca hapfungwa ndetse bamwe mu bakubiswe. Umukuru w’umugambwe MSD kuri uyo musozi wa Rugero ya kabiri, akaba yaciye afatwa, asubirira abari babakubise, mu gihe yagirwa kuba ari mubateguye iyo ntambara.

Amakuru ava aho mu Kirundo, akaba amenyesha ko abatavuga rumwe n’umugambwe CNDD FDD batorohewe, mu gihe na buramatari Nzigamasabo Reveriyano yagirizwa na bamwe mu banyagihugu bo ngaho mu Kirundo kuba adatinya kuvuga ko ibipinga ari kubipingura, ndetse na nyantambara yahuje bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetse n’Imbonerakure, Nzigamasabo akaba yoba yari abifisemwo uruhara. Mu kamenya ko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana ari kumwe n’abashikiranganji babiri, wo kwivuna abansi hamwe n’uw’umutekano, bishikiye muri iyo ntara, ndetse haranafatwa ingingo ko atawosubira gukizura atari abajejwe umutekano gusa, mu ntumbero yo kuzibira akarambaraye mu banyamigambwe aha mu Kirundo.

Ico gikorwa co gukizura bivugwa ko coba cari carigaruriwe n’Imbonerakure za CNDD FDD, abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi, bakamenyesha ko bari bageze habi. Ariko naho biri uko, n’abandi bo mu yindi migambwe, bari batanguye kwirarira, ndetse ishobora no kuba intandaro y’indwano hagati y’abatavuga rumwe, aho bahatswe gukuranamwo igufa.

Insiguro Ibipinga : Abatavuga rumwe n’umugambwe CNDD FDD


Aristide Nizigire

Messages

  • Aho gupingura bivuziki ga? Imana irabe ivyo bintu itabare.

  • ABA NYAKIRUNDO NONE TWARAROZWE CANKE NI TWE UBUJUJU BUTAHAKO ..ARIKO KO MBONA DUSHONJE NTITUGIRE AHO TURIMA BA GIHAHE NA EDOUARD BIFITIYE AMATONGO YA GUSA ,,TUZOBONA RYARI KO IMIGAMBWE ATA WE IGABURIRRA ,,EWE BAHUTU BO MU KIRUNDO TESHWA MURI BAMWE NTIMUZOCA MUTERA IMBERE NGO MUTUZA IBIPINGA MUZOPFA N INZARA AHUBWO!!!!

  • ABA NYAKIRUNDO NONE TWARAROZWE CANKE NI TWE UBUJUJU BUTAHAKO ..ARIKO KO MBONA DUSHONJE NTITUGIRE AHO TURIMA BA GIHAHE NA EDOUARD BIFITIYE AMATONGO YA GUSA ,,TUZOBONA RYARI KO IMIGAMBWE ATA WE IGABURIRRA ,,EWE BAHUTU BO MU KIRUNDO TESHWA MURI BAMWE NTIMUZOCA MUTERA IMBERE NGO MUTUZA IBIPINGA MUZOPFA N INZARA AHUBWO!!!!

  • Ibipinga bisigura ivyitso bishobora kugurisha benewabo bitaramvye ingorane nka kurya kwa Twagiramungu woshobora kugereranya na Leonce na Mugwengezo. abo bagabo sinzi ko babona ukungene Twagiramungu apfuye yangara inyuma yo guhemuka. Ivyitso nivyo bibi kurusha umwnsi. Kuko umwansi we mushobora kumvikana.

  • Igihugu kirimwo abagabo,ntakwiyadukiza rero.nimuduhe amahoro tubayobore mumahoro numutekano.mutabishaka naho nimuje aho mumahanga muririmba ukamenga asumba uburundi,ntawanka kwonka nyina ngo agwaye amahere,ukwabari kwose aba ari nyoko.nimutekereze rero.

  • Ndi umunya Kirundo ariko ataburundi nta kirundo! N’Ukuvugako Leta y’Uburundi itegerezwa kwubahwa n’intara zose z’Uburundi harimwo na Kirundo. Hamwe n’ivyo abanyakirundo twari dukwiye kuraba ingorane yacu n’abadutwara kuko duhorera muvyago vy’Inzara, aba banyamigambwe turabona uko bavyifatamwo! Ubu ko hatanguye kuvugwa amatora abanyakirundo baragezweho kujaganywa! Mu mapfa baba barihe? Ko n’iyo habonetse imfashanyo aribo bimenyanira? Ni uwuhe mugambi uboneka wo kurwanya inzara mu Kirundo Intara yahoze ariyo itunze Uburundi!.

    Kunda abahutu,abatutsi, abatwa, abanyamigambwe batandukanye twibanire tureke ako karimi n=k’abanya politike baduhenda bitahira ni Bujumbura mu magaburanyama. Burakeye bwitwa ejo Abanyakirundo nitutafatana munda turagowe mba mbaroga; kuko niyo ntara yahora imbere mukwimbura, ivyapoliyike n’imibano ariko yasubiye inyuma nk’ibirenge! ikindi twibukeko dushobora kugirwa ishikana ry’Ibibazo Uburundi bufise tudatevye!, Mbega mwibagiyeko aho abandi bagabana ibitaro na za Kaminuza twe twagabana amaprizo manini manini?. "AKARIMI KAKURESHA SIKO KAKWABIRA". Mbega ko badusesaho akarimi ntibitahira iyo basarura tugasigarana n’abo twaryanye?

    Ndababaye, Kuko"INTIMENYA NIYO NTINEGURA" Ntabakiriho bibukako ukubangurukanya abatase bo mu Kirundo abatwara batwarayo za NAPARME?, Murambabarira! UMUTI W’AMATATI WAR’UKWIYE GUTORERWA MUKIBANO"

    Ibi mvyanditse nkuri mu gihugu kuko"AGATIMA K’IKWARE ITORA KARI MU MWONGA"

  • barundi bumutima mwohagurukiye ubwo bunyamaswa bukiri mubarundi namwe mupingura nimusubize ubwenge kugihe mwibuke ko mutavukiye kubutegetsi ejo canke ejobundi namwe muzitwa ibinga ubuzima bwanyu bwose birahimbaye iyintwaro zihindutse ugasanga ntakagwi nakamwe bagushakiramwo.kuba muri opposition nuburenganzira bwabo numuvye ntiyogutuma kugira nabi ngo nuko umwubaha uvyemere urumuntu wiyumvira kuki babakoresha nkama robos?abo babashuka mwibuke ko biganye bamwe ushobora gusanga banavukana.harahandi bahurira mwe nyarucari mutamenya nimwikebuke.ntanze iciyumviro nk’umunyakirundo atabifisemwo inyungu haba mubari kubutegetsi canke muri oposition

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.