Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
KIRUNDO : Bamwe bayaga neza, abandi bariko bakubitwa n’Imbonerakure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > KIRUNDO : Bamwe bayaga neza, abandi bariko bakubitwa n’Imbonerakure

KIRUNDO : Bamwe bayaga neza, abandi bariko bakubitwa n’Imbonerakure

lundi 31 Ntwarante 2014

Urwaruka ruhurikiye mu migambwe itandukanye mu ntara ya Kirundo, ruhamagarirwa guheba amajambo yo gutyozanya mu mvyino, iyo bari mu bikorwa vy’abo.

Ivyo bikaba vyavugiwe muri komine ya Bwambarangwe muri iyo ntara ya Kirundo, inyuma yaho habereye urukino rw’umupira w’amaguru hagati y’urwaruka ruhurikiye mu migambwe n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muri poritike. Urwo rukino rukaba rwari urwa kivandimwe. Muri iyo ntara ya Kirundo rero, hakaha havugwa ukutumvikana hagati y’urwaruka ruhurikiye mu migambwe, aho urwaruka rwo mu mugambwe wa Sahwanya FRODEBU Nyakuri iragi rya Ndadaye bavuga ko baburagizwa n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD.

Aho mukamenya ko urwo rwaruka ruri mu mugambwe uri ku butegetsi muri iyo ntara ya Kirundo, rutagirizwa n’uwo mugambwe gusa, n’iyindi migambwe iri mu runani ADC Ikibiri yagiriza urwo rwaruka kuba rubakubagura. Urwaruka rwo muri iyo komine rwavuye aho rwemeranije kutazosubira kuryana, canke ngo rusubire kugenda rurarabana ay’ingwe.Urwo rwaruka kandi rukaba rwaranasabwe guheba amajambo yo guturira.

Ariko rero naho i Bwambarangwe vyariko biragenda neza hagati y’urwo rwaruka, muri komine ya Kirundo ho, Imbonerakure zaho, zarakubise abanywanyi b’umugambwe FRODEBU umunani, babiri barakomereka cane. Mu mugambwe FRODEBU bakavuga ko ingorane ziterwa n’Imbonerakure mu gihugu n’amakungu amaze kuzimenya, kandi abikurikiranira hagufi, nabo bakavuga ko bagiye kuva hasi bazikenyere, biyamirize ibikorwa vy’ihohoterwa bagirirwa n’Imbonerakure.


Aristide Nizigire

Messages

  • ABO BAKUBITA ABANDI BIBUKE KO BAZOCIRIBWA IMANZA KANDI GIHAHE NA BURYA BUGABO BUBATUMA BUTAZOZA KUBABURANIRA ..NICO BATAZI!!!!BANYA KIRUNDO BENE MAMA REKA AMOHE KUKO MUZOGOGWA AY IKIVUMVU MBE MURITEGUYE KURENGUKA MWA NKANDAGIRABITABO MWE!!!!VA IBUZIMU MURUSHA IKIBI eNDUWIMANA UMUKWE WANYU////YEMWE TURAMBE TUZOBONE

  • BA NYA KIRUNDO MWESE HAGURUKA MUHANURE BENEWANYU EREGA NI TWEBWE TURI IKIRIMBIRO RY IBIBI VYINSHI //SIDA ?ANALPHABETISME?HYGIENNE PRECAIRE?PAUVRETE ..////ARIKO AHO TWOSHIGIKIRA NKA DR JEAN MINANI WE TUBONA KO HARICO ARIKO ARAKORA NGO TUZA KURWANA!!!!!Mwese MUZE TWANKE IKIBI NATWE TURABE KO TUJA IMBERE///

  • Ndabona ari interahamwe nkazimwe ngaho iruhande yanyu murwanda!!kandi namwe baso barabikoze urazi ukuntu mwishe abatutsi 1988, 1993 hoho abadayimoni boose bari babazukiyemwo!!nomurwanda ngo mwaragiye kwica abantu ataco bazira 1994!!ubu rero ndabona muriko muriyibutsa!!ariko Mana iyi si igeze habi!!nne abantu kuva aho mwiciye mwabonye vyabamariyiki??ko niyo muryamye ntamitima mukigira ngo musinzire mumahoro amaraso urayakora ariko nayo azokwama agukurikirina numwana uzovyara bizomugira hingarukambi(umuvumo...)vyiza ico nobahanura mwambonerakure mwe mwokwitonda ubuzima nibuto ejo ntimuzi ico muzoba muri!!nimwakire Yesu abahindure abakuremwo amaraso baso bamenye nivyo biguma bibakurikirana!!

  • ejoyari.emsd.nauprona.uyumusinifrodebu.nyakuri.niyoyindimigabwe.irikwirakubakugrwa.ntimwibazengo.imbonerakureivyozikoranivyozadukanazirashigikiwe.arikwicarigikwiye.burundidukwiyeintwororusangiatawukumiriwe.nahimbonerakurezikozirakubaguraabanndizimenyekoigihunguataricimbonerakureacabarundiboseatawukumiriwenaharvyobipfuza.murakoze

  • ivyo vyokwita abandi inkandagira bitabo,n agasuzuguro kabi kandi nivyabitumye utabajije iyo vyavuye,rero sivyiza kubuza uwundi ngo ntiyige kuko ingaruka nizo nyene aca agutwara atize,rero rema kandi muremeshanye ntabwicanyi bwimirije kimwe gusa ntaho muzoshirana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.