Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kirundo : Bamwe mu bagize umurwi CEPI ntibazwi imirwi baserukira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kirundo : Bamwe mu bagize umurwi CEPI ntibazwi imirwi baserukira

Kirundo : Bamwe mu bagize umurwi CEPI ntibazwi imirwi baserukira

samedi 4 Gitugutu 2014

Abagenywe kugira baze barongore umurwi ujejwe amatora mu ntara ya Kirundo bamwe bivugwa ko bazwi imigambwe baturukamwo,ariko abo mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike bo batazwi.

Muri iyo ntara ku bantu icenda bagenywe kugira baze bahagararire umurwi CENI, umukuru wawo akaba ava mu mugambwe FRODEBU Nyakuri ariwe Manariyo Pascal, icegera ciwe nawe ava mu mugambwe CNDD FDD ariwe Ryivuze Gerard. Uwo murwi w’abo barongoye CEPI muri iyo ntara ya Kirundo ugizwe n’abahutu 5 n’abatutsi 4.

Ariko rero amakuru ava muri iyo ntara, akavuga ko uretse abari mu migambwe nka FRODEBU,CNDD FDD, FRODEBU Nyakuri,PARENA na RADEBU bagenywe muri CEPI Kirundo, abashizwemwo nk’abaserukira amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike bivugwa ko batazwi mu mashirahamwe akorera muri iyo ntara.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.