Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kirundo : Isukari yafashwe yahawe ibigo bireze abana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Kirundo : Isukari yafashwe yahawe ibigo bireze abana

Kirundo : Isukari yafashwe yahawe ibigo bireze abana

mercredi 3 Nyakanga 2014

Amatoni agera kuri cumi y’isukari yafatiwe mu makomine atandukanye y’intara ya Kirundo, yahawe ibigo bireze impfuvyi hamwe n’amashure afise uburaro.

Buramatari w’intara ya Kirundo Reveriyano Nzigamasabo akaba yafashe iyo ngingo mu ntumbero yo gutuza abinjiza ivyamagendo. Iyo sukari yafatiwe mu makomine atandukanye y’intara ya Kirundo nka Busoni, Vumbi, Kirundo, ikaba yaciye ihabwa abayobozi b’ivyo bigo. Buramatari Nzigamasabo, akaba yasavye abahawe iyo sukari kutayidandaza kuko nabo nyene bafashwe bakaba bazoca bahanwa bimwe vy’akarorero. Avuga ko uwo hirahira agashora iyo sukari, azoca akurikiranwa n’ubutungane.

Mukamenya ko iyo sukari yinjira ivuye mu gihugu c’Urwanda, mu gihe hari iyisanzwe akorwa muri SOSUMO ku ruhande rw’Uburundi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.