Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kirundo : UPRONA ya Nditije yabujijwe gushirako amashurwe ku ntatemwa ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kirundo : UPRONA ya Nditije yabujijwe gushirako amashurwe ku ntatemwa ya (...)

Kirundo : UPRONA ya Nditije yabujijwe gushirako amashurwe ku ntatemwa ya Rwagasore

lundi 13 Gitugutu 2014

Ibirori vyo kwibuka imyaka 53 umuganwa atari umugani yishwe vyabereye mu gihugu cose, ariko mu ntara ya Kirundo ivyo birori bikaba vyagiyemwo n’akajagari nk’uko bagenzi bacu baduhaye aya makuru babivuga.

Abari mu mugambwe UPRONA ishami rya Concilie Nibigira nibo bari barekuriwe gushirako amashurwe bahagarikiwe n’igiporisi, ariko abandi basanzwe bayoboka umushingamateka Karori Nditije bakaba bankiwe, aho ukwo kwankirwa kwabo kwatumye igiporisi gikoresha inguvu kirabuza abo bashigikiye Nditije gushirako amashurwe. Muri abo bayoboka Nditije hakaba hari umwe mu bashingamateka batowe aho mu Kirundo ariwe Pasteur Ryahama nawe nyene akaba yabujijwe mu bandi, ari kumwe n’uwuvuga ko ariwe arongoye uwo mugambwe mu ntara.

Mukamenya ko muri ivyo birori kandi umugambwe MSD utashoboye gushirako ishurwe, muri uwo mugambwe bakavuga ko bavyakiriye nabi, kuko bakuwe mu bandi. Iyindi migambwe rero ikaba yashize amashurwe ku ntatemwa y’umuganwa Rudoviko Rwagasore.


Aristide Nizigire

Messages

  • NIBABAREKA SIBO NGORANRE UBURUNDI BUFISE ..NI DD NA NKURUNZIZA C EST TOUT

  • Nibaza ko incungu y’Uburndi Umuganwa atari umugani Rwagasore ari uwabarundi bose kwankira umuntu canke umugambwe uyu canke uriya kwibuka uwamukuyeko agacinyizo ntanakimwe bisigura.Inzego z’umutekano nacanecane igipolisi cokwisubiza umutamana kikareka gukora des missions zigiha image mbi imbere y’abo bajejwe gukingira gurtyo boba nabo bihaye iteka sinon bazosanga baronse ayandi mazina icerekwa ni ikibona.Ubutegetsi nabwo ni bureke kuvangura abana b’uburundi Rwagasore yogaruka yobavuma baramuhemukiye

  • None ko Rwagasore yari umwana w’umwami w’Uburundi kandi yagwanira abarundi bose none ubu hari abasumvya abandi kuba abarundi?nimba ari ubutegetsi butegekera bamwe?nimba ari ikibazo c’amatora gishuhije imitwe abantu nibareke abanyagihugu bironderere ingene babaho babereke les projets de developpement babafitiye gurtyo bazotore iciza bareke ikibi.Abanyapolitike namwe mureke gukoresha le petit paysan uko mushatse ngo nuko atize murazi ko muri milieu intellectuel mudapfa kubabwira du n’importe quoi ils font leur analyse tera imbere muzohava musanga mumaramara imbere yabo

  • Mbega yemwe ivyuburundi vyanse abarundi bakabuzwa gushira amashurwe kuntatemwa yincungu yacu? CNDD nukuri ingorane ziriko ziba mugihugu zose ziri kugatwe kanyu nuwubarongoye ariwe Nkurunziza ahubwo abo bapolici babujije abarundi gushiramashurwe kuntatemwa nibafatwe bahanwe ntaho vyakabaye canke twosaba ko reta yotanga imihoho kuko ntanakimwe imariye abanyagihugu

  • Nonentabanayavyay Umugorewa Rwagasore Yitwande?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.