Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ku myaka 101 ashaka kwitoza mu nama nshingamateka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ku myaka 101 ashaka kwitoza mu nama nshingamateka

Ku myaka 101 ashaka kwitoza mu nama nshingamateka

vendredi 21 Ruhuhuma 2014

Umutama w’imyaka 101 y’amavuka yaratangaje ko azokwitoza mu matora yimirije mu gihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika. Ahimiriza abanyagihugu kumutora ababwira ko gutora umutama uba utoye umuntu mushasha.

JPEG - 36.7 ko
Joe Newman

Mu gihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika bariko baritegurira amatora y’abashingamateka azoba mu kwezi kwa Munyonyo 2014. Muri ayo matora, hari umutama w’umunyeporitike w’imyaka 101 yatangajeko ko azokwitoza mu bashingamateka. Akazina kiwe ni Joe Newman. Ivyo yabitangaje ku murongo ntangazamakuru wiwe www.joenewman101.com, aho avuga ko ashaka ko ijwi ry’umunyagihugu muto ryumvikana mu vyicaro vy’abanyaporitike bakomeye.

Joe Newman yivugira ati :"Ndazi ko ata gihe kinini nzomara muvya poritike, vyohava binsaba kuhasiga utwanje twose, ubutunzi bwanje, n’ivyiyumviro vyanje." Ivyo Joe Newman yabitangaje ku muhora wiwe www.joenewman101.com.

Izina rya Joe Newman mubazokwitoza ku ntebe y’abashingamateka rirateye ubwoba Vern Buchanan ari mu mugambwe w’aba Repulicain asanzwe aserukira mu ntara ya Floride.

Joe Newmwan yamenyesheje insamirizi WWSB ko yipfuza kurwanya ubukene, hamwe n’ukwitaho bihagije amagara meza yaba ntahonikora. Ku murongo wiwe wa Twitter www.joenewman101.com, yanditse ko ashaka gutwenza ati :" Gutora umuntu ashaje bisa n’ugutora umuntu mushasha." Akazina ka Newman yagatoye kugira yereke abanyagihugu ko aje nka mushasha kuko iryo zina risigura umuntu mushasha.

Mwomenyako umuntu aherutse kwitoza akuze mu bashingamateka ari uwitwa Ralph Hall yatowe i Texas ku myaka 90 y’amavuka.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.