Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Krystal Shabani: Ku myaka 23 gusa gutunganya imigambi hari aho (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Krystal Shabani: Ku myaka 23 gusa gutunganya imigambi hari aho (...)

Krystal Shabani: Ku myaka 23 gusa gutunganya imigambi hari aho bimugejeje

vendredi 13 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Ku myaka miringo ibiri n’itatu gusa aramaze gukora ibitari bike mu gisata co guhinyanyura impuzu n’ivyo bijana. Mu gihe kandi Reta idasiba guhamagarira urwaruka kwijukira kwitunganiriza imigambi ubwayo, uwo mwigeme yarashoboye gufata ikibanza mu vyerekeye imideri mu Burundi mu kwugurura ishirahamwe yise "Krysbel Designs".

JPEG - 48.5 ko
Krystal Shabani uwo yambaye impuzu zirabura ari kumwe n’abanyamideri bambaye impuzu yakoze

Krystal Bella Shabani ni umwigeme wo mu gisagara ca Bujumbura, ahejeje amashure ya kaminuza yitiriwe uburongozi ‘’Leadership’’. Uwo mwigeme aratwiganira ingene yashoboye kwiyumvira gukora umugambi. Intango ya vyose ni mu mwaka w’2012 aho yiga muri kaminuza agira ati : "Narakunda cane ivyerekeye guhinyanyura impuzu kuva nkiri muto, narakunda gucapa cane nkakora utuntu tw’utudede, ariko rero inkabuzo ya vyose ni icigwa citwa Entrepreneuriat, aho batwigishije ibitari bike mu nyuma, baduhaye akabazo aho umunyeshure umwe yokwiha ikintu akora, niko rero guca niyumvira gukora ivyo guhinyanyura impuzu, kuko arico kintu nari nsanzwe nkunda cane. Naciye nja ku rubuga ngurukanabumenyi ndarondera ingene bikorwa ndarondera n’ubumenyi bijana."

Amaze kwiyumvira uwo mugambi nk’uko abandanya abitwiganira, ikintu ca mbere yakoze ryari ihereni rikozwe mu gitenge, umutahe wiwe wa mbere akaba yari amafaranga ibihumbi bibiri gusa. Agira ati : ’’Igihe natangura abantu ntibavyiyumvira ko nobishobora, ariko muri jewe numva mfise akariro ko gukunda ivyo bintu (Passion).

Agira ati : "Maze kubitangura naca ndavyiyambarira canke nkabitangako utuganuke." Ariko rero mu nyuma abagenzi barampanuye ko nobidandaza. Amahera nabikuyemwo naca nza ndabika. Uno munsi umwigeme Krystal afise ishirahamwe ryiwe rigize n’abantu indwi "Krysbel Designs", bakaba bakora impuzu zambara bamwe batambuka amadefire. Muri iryo shirahamwe barahanura abantu inyambaro bokwambara mu gihe iki canke kiriya canke abategetsi baronse igiti batazi ingene bovyifatamwo mu nyambaro barabafasha (relooking, Conseil en image). Uwo mwigeme avuga ko amaze kuja guhinganwa mu bindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko (East Africa) no mu gihugu ca Congo. Ahanini vyinshi muvyo akora bikaba bigurwa cane n’abarundi bo hanze nk’uko Krystal abandanya avyigana. Mu Burundi, ibidandazwa vyiwe abihayanisha aho bita Buja café.

Zimwe mu ntambamyi ahura nazo, ni uko iyo yipfuza kuja mu mahiganwa hari igihe basabwa uburyo butari buke kandi akaba aribo bimenya vyose, kandi vyari bintu bituma igihugu kimenyekana kikanatera imbere. Ikindi bipfuza be na bagenzi we bakorana n’uko bashigikirwa abanyamideri bakaronka amabutike, canke bakabaha imitahe, canke ikindi naco bakagira nk’ikibanza c’ingenzi aho bashobora kubasanga.

Uwo mwigeme afise ivyizigiro ko bazogera kure mu gihe boshigikirwa hamwe abantu bobibona ko ari umwuga nk’iyindi. Ati : "Mbere ndafise icizere ko ivyimideri bishobora kuduza umwimbu w’igihugu (PIB).
Zimwe mu ndoto z’uwo mwigeme n’uko yoshobora guhiganwa mu makungu izina ry’ishirahamwe ryiwe rikamenyekana mu makungu, nka kurya kw’ayandi mashirahamwe akora impuzu nka za Louis Vuitton n’abandi.

Krystal Bella Shabani atera akamo urundi rwaruka ko bokwiyumvira ibintu bishasha. Agira ati : "Ahari ingorane hama hari inyishu kandi harashobora kuba ari akaryo ko kurondera isoko. Ikindi ni uko umuntu yokora ivyo akunda. "Ntibarindire ko Reta ibafasha nibatangurane na duke bafise."


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.