Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kubwabafana Igiteramo ca Fizzo na Lolilo ni icambere muri uyu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Kubwabafana Igiteramo ca Fizzo na Lolilo ni icambere muri uyu (...)

Kubwabafana Igiteramo ca Fizzo na Lolilo ni icambere muri uyu mwaka

lundi 18 Ntwarante 2013

Igiteramo ca Big Fizzo na Lolilo cari kirindiriwe n’abantu benshi kuko hari haheze igihe kitari gito abo baririmvyi bompi badakorana igiteramo. Ikibazo nyamukuru cabaye ubuto bw’aho cari gitegekanijwe kubera kuko abantu bari hanze barusha ubwinshi abinjiye. Abashoboye kwinjira nabo nyene ntiborohewe kuko imbere hari huzuye cane ku buryo no kuronka aho uhagarara vyari ikibazo.

JPEG - 69.8 ko

Zimwe mu mvo zatumye ico giteramo gifatwa ku rwego rwo hejuru kandi kikitabwa n’abantu isinzi bavuye impande zose z’igisagara, ni uko abo baririmvyi uko ari babiri, umwe wese yashaka kwereka uwundi ko amusumvya ubuhinga n’abakunzi. Twibutse ko bari bivugiye ubwabo imbere y’uko igiteramo kiba, ko abafana aribo bazogaragaza ukuri.

Lolilo niwe yari ategekanijwe gutangura kuririmba ariko vyaragaragaye ko atarivyo ubwiwe yipfuza, kuko babaye bakibimubwira, aca yishura ati« Big Fizzo ni abe ariwe atangura», baraharira ivyo bica vyerekana ko kuba Lolilo yashitse acererewe, yari yateguye kuririmba ubwa nyuma, kuko abamenyereye ivy’umuziki bavuga ko umuririmvyi aririmvye ubwa nyuma aba afise amahirwe menshi yo kwereka abarorerezi ko yarushije ubuhinga uwo bahiganwa kanatsinda aba yamaze kumenya ingene yokwifata yisunze ivyakozwe na mugenzi we bahiganwa.

JPEG - 71.3 ko

Big Fizzo, ari nawe yatanguye kuririmba yakiriwe n’amashi menshi, abantu bose barahaguruka bati« twari tugukumbuye urakaza neza». Nawe rero si ukuririmba yivuye inyuma ku buryo abakunzi biwe bamwe barize amosozi y’umunezero n’inkumbu.

Ageze ku ndirimbo yiwe yitwa” nakulove” ari nayo yari nk’iy’icitabirizo ya Fizzo, abantu bayiririmvye hamwe nawe bikomeye kuko abakunzi biwe bashaka kwerekana ko iyo ndirimbo ariyo ikundwa cane kuri” Uri uwa mbere” ya Lolilo.

JPEG - 72.2 ko

Lolilo nawe hageze umwanya wiwe, abakunzi bamwakirije nawe nyene amashi menshi hama abona gutangura kuririmba binezera benshi. Yageze ku ruririmbo rwiwe rwitwa “uri uwa mbere” abakunzi b’umuziki bari bakoraniye ngaho bakiririmba “Nakulove” ya Big Fizzo. Iryo shaka abo baririmvyi bompi bari bafise ryatumye bateramisha abantu barahimbarwa kuko muvy’ukuri ubiravye neza usanga muri rusangi abo baririmvyi bompi bakundwa na benshi .

Uravye neza kandi kubijanye n’ivyo bari bivugiye ko abafana aribo bazokwerekana uwukunzwe kuruta uwundi, vyarigaragaje ko Fizzo afise abakunzi benshi gusumba Lolilo kandi ko “nakulove” ikundwa cane kuruta” Uri uwa mbere”.

Ku bijanye n’ukurabira hamwe ko ico giteramo coba caratumye bahava bumvikanye siko biri kuko igiteramo giheze, ikinyamakuru canyu Igihe Limited carabasavye gufata amasanamu bari kumwe, Fizzo aravyemera aho yishuye ati « ntakibazo», Lolilo nawe aravyanka mukuvuga n’ayandi majambo menshi agaragaza umubabaro wiwe.

Twibutse ko ico giteramo cabereye ahitwa Iwabo w’abasigaye muri komine Kamenge, kikaba categuwe n’ Ubunywero«Iwabo w’Abasigaye» mu ntumbero yo kunezereza abakunzi b’umuziki w’Uburundi.


Joel Sengurebe

Messages

  • none aba bahungu basigaye baba muburundi canke?? Sinumva ngo baba muri europe???? KO BURO GIHE NUMVA NGO BAKOZE IBITERAMO IBITERAMO INO NONE BARAGARUTSE CANKE?

  • harya kwose Lolilo aba yiyemera mubiki?

  • Fizzo is da best forever ! @ Ndibaza Fizzo aba mu bufaransa ariko umengo yari yaragarutse mu karuhuko ariko Lolilo wew aramaze igih kinini ari i Burundi ariko naw yari yaragiy Europe ariko ubu yaragarutse mbere yahora no mu gasho apfunzw kuba yararwany !

  • Mubuzima bwamisi yose ntamuntu yemera kurushwa. Ariko things become more worse iyo umuntu ariwe ashaka kwemeza abantu ko ashoboye. Ikibazo kiri hagati ya Lolilo na Fariouz ni ingaruka yokudatahura neza canke se yubumenyi buke. Ariko biramenyerewe cane mubihugu nkivyo vyacu, uherey mubakuru hama haba imishwano nkiyo iyo habay amarushanwa ajanye namatora, uwutsinzwe yihutira gushinga urubanza aho gukeza mugenziwe. Bantu rero mukurikirana ivyabo baririmvyi ntibibatangaze canke ngo mubatuke ahubwo nimubahanure kuko iyo ni ingorane dusanga mubantu bose bomurivyo bihugu vyacu. Hanze niho uwutsinzwe akeza mugenzi we but hiyo ntibibaho. Abafana rero mwitonde ntimutume abo basore bakomeza kwankana urunuka. Ndanegura abafana ba Fariouz kuba bubahutse kuririmba indirimbo Nakulove mugihe Lolilo yariko aririmba indirimbo yiwe. Ivyo vyerekana ubujuju bwabafana kandi ivyobakoze ni ingesombi arinaco nibaza canatumye Lolilo ashavura cane akanavuga amajambo. So Fariouz natoze abafana biwe indero yokubaha kandi na Lolilo atoze abiwe. Kubaha uwomutavuga kimwe ni ingezi cane. Kwicana kwabaririmvyi biva kubafana so bafana mwitonde mwige kubaha abaririmvyi mudakunda kuko hariho abandi babakunda. Lolilo gabanya agashavu kurushwa biransanzwe cane. Fariouz urimukuru gerageza ingene wiyegereza batonya bawe ntakundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.