Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kugabanya imiduga ya Reta bizoja ngiro mu kwezi kwa 7 uyu mwaka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Kugabanya imiduga ya Reta bizoja ngiro mu kwezi kwa 7 uyu mwaka

Kugabanya imiduga ya Reta bizoja ngiro mu kwezi kwa 7 uyu mwaka

samedi 5 Nzero 2013

Mu mugambi wa reta wo kugabanya amafaranga ikoresha mu bijanye no kwiyunguruza,gushika mu kwezi kwa 7 umwaka wa 2013,abantu bose bakoresha imodoka za reta bazoba baguze imodoka zabo mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi wa reta wiswe charroi zero.

Umugambi wa reta wa charroi zero uzoba wagiye mu ngiro gushika mu kwezi kwa 7 umwaka wa 2013.Abakoresha bose imodoka za reta mu kwiyunguruza bakaba baguze imodoka zabo uhereye ku bashikiranganji.Abazogomba kugura imodoka zishasha bakaba bazohambwa ingurane y’imiriyoni 20 umwe wese.

Mu gihe rero nk’umushikiranganji azoba akuwe mu mabanga ataraheza kuriha ingurane yose,ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu butegekanya inzira zibiri.Ubwa mbere umushikiranganji wenyene azoca akoresha uburyo bwiwe mu kuyiriha,ubwa kabiri naho bishitse ntashobore kuriha yose azoca asubiza imodoka.
Ku bijanye n’amashirahamwe ya reta ariko yigenga muvyo kugenzura ubutunzi bwayo, umushikiranganji yamenyesheje ko ayo azogumana imodoka gushika aho bazofatira izindi ngingo zijanye n’ayo mashirahamwe.

Umushikiranganji akaba ahumuriza abashoferi ba reta bitaboneka neza aho bazoca baja kubera uwo mugambi,akaba amenyesha ko ikibazo cabo kiriko kirigwa,ariko mu kurindira bazoguma baronka umushahara gushika muri Kigarama 2013.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.