Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kugwanya igiturire vyotuma imfashanyo mvamakungu ziboneka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Kugwanya igiturire vyotuma imfashanyo mvamakungu ziboneka

Kugwanya igiturire vyotuma imfashanyo mvamakungu ziboneka

jeudi 29 Munyonyo 2012

Inyuma y’ukwezi kumwe gusa habaye inama y’abafasha u Burundi yabereye i Geneve mu Buswise, ishirahamwe PARCEM ryishinze guhamagarira abarundi guhindura imgendo risaba reta gukuraho inzitizi zose kugira imfashanyo zemewe zitangwe. Risaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza gutanguza umugambi wo kugwanya igiturire.

Faustin Ndikumana arongoye PARCEM avuga ko umukuru w’igihugu ariwe ategerezwa gutanguza urugamba rwo kwitonesha ku bafasha u Burundi kugira amafaranaga y’imfashanyo yemewe atangwe.

Umugambi wo kurwanya igiturire SNBLC ngo niwo shingiro nk’uko PARCEM ribivuga. Igihe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatangura amabanga yiwe, yemeye ko atazokwihanganira abarya ibturire n’abasesagura amatungo ya reta. Iryo shirahamwe risaba ko imvugo yojana n’ingiro.

Ku bwa Faustin Ndikumana, ngo kugira imfashanyo zirenga imiliaridi 2 z’amadolari y’abanyamerika zemewe zirekurwe n’ibihugu vya rutura, ngo kugwanya igiturire nico cambere u Burundi butegerezwa kwihutira. N’abafasha u Burundi ngo barabigarutseko cane.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane italike 28 uku kwezi, Faustin Ndikumana yavuze ko umugambi CSLP II wo kugwanya ubukene ari inkingi y’igihugu. Yamenyesheje kandi ko uyo mugambi uzotuma u Burundi bushika ku ntumbero y’ikimpumbi hamwe n’intwaro ibereye mu butunzi. Asaba kandi ko hoba n’ugukurikiranira hagufi ingene uwo mugambi woja mu ngiro. Niwo abafasha u Burundi bemeye gusahiriza.
PARCEM rivuga cane cane guhimiriza abakozi bakubakuru kugira nabo nyene bawumve, gushiraho urwego rwo kurwanya igiturire ku rwego rw’igihugu hamwe no gushiraho uburyo bwo kugira ivyegeranyo vyo guha abafasha u Burundi.

Mugihe ubutegetsi busa n’ubwatanguye imyiyamamazo y’amatora yo mumwaka w’2015, ishirahamwe PARCEM rifise amakenga ko uwo mugambi wo kugwanya ubukene ushobora kwibagirwa kuko wategerezwa kuja mu ngiro kuva mu mwaka w’2011 gushika mu mwaka w’2015, gushika ubu akaba ata kirakorwa kiboneka nk’ukon vyavuzwe na Faustin Ndikumana.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.