Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kuririmba n’ingabirano, haraho kandi ubikundishwa n’abandi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Kuririmba n’ingabirano, haraho kandi ubikundishwa n’abandi

Kuririmba n’ingabirano, haraho kandi ubikundishwa n’abandi

mardi 29 Gitugutu 2013

Irakoze Eloge yatanguye kuririmba ari muto cane mu mwaka wa 2009, ubu arashima intambwe agezeko. Ukuntu asigura intango yiwe yo kuririmba biratandukanye gato n’ukwo abandi bagiye barabitubwira. Benshi bavuga ko kuririmba ari ingabirano bavukanye, bisigura ko naho bavuka basanga isi igaragara bari guca batanguza umuziki kw’isi.

Eloge aririmba kw’izina rya Mandosizo, wewe avugako kuririmba kuri bamwe ari ingabire, ku bandi ugasanga n’ingabire ariko yasunitswe n’ukwiyumvamwo umuririmvyi kanaka, ivyo kubera uko untu usanga uwo muririmvyi aririmba, asa, yambara canke yigenza. Kubwa Mandosizo, Mugani Desire, ariwe Big Fizo, yaramubereye intango yo kuririmba.

Yivugirako indirimbo “Leave me Alone”ya Fizo ayumvise yumva ko ariwe ariko arayiririmba, yumva ko iri muri we ari naho yigira inama yo kuririmba. Ico gihe yaciye asohora “Kua Makini”, ubu afise zitari nke harimwo izo yaririmbanye na Mkombozi, ”Mayatima”, na Franck G80”Abagenzi babi”. Ubu rero ariko ategura amasanamu y’indirimbo yiwe yakunzwe cane yitwa “Nkundira”. Yipfuzako inyuma yo gusohoka kw’ayo masanamu yoca agira igiteramo co kurangiza umwaka.

Arangiza ashima Imana ku ntambwe agezeko, arashima no kubaho kwa Fizo kwa mushizemwo uwo mwuga, arashimira n’abandi baririmvyi bose bo kwisi kuko baterera mw’iterambere ry’umuziki.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.