Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kutariha amakori ntivyubahiriza amategeko-PARCEM - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Kutariha amakori ntivyubahiriza amategeko-PARCEM

Kutariha amakori ntivyubahiriza amategeko-PARCEM

jeudi 17 Nzero 2013

Charles Nihangaza yarashize ahabona ivyavuye mu cigwa yakoze agitumwe n’ishirahamwe PARCEM riri kumwe na Action Aid Burundi aho yamenyesheje ko kutariha amakori ku bantu bamwe bamwe no ku mashirahamwe amwe amwe biza gutuma haba ukutubahiriza amategeko.

Ivyo vyashikirijwe n’umuhinga Charles Nihangaza umuhinga muvyo ubutunzi akaba yarigeze kuba umushikiranganji w’ubutunzi aba kandi umuyobozi w’amakori.Charles Nihangaza yarakoze icigwa ku bijanye n’ubutungane muvyo amakori hamwe n’ubutunzi abitumwe n’ishirahamwe PARCEM riri kumwe na Action Aid Burundi.

Kubwa Charles Nihangaza ngo ibice 73 kw’ijana vy’amafaranga atozwa na OBR ava mu miryango ivyo navyo bikaba ari nk’akarenganyo kuko abanyagihugu hamwe n’amashirahamwe yoyo aronka inyungu atategerezwa kurihishwa ama tagisi co kimwe n’imiryango idafise ibikorwa vyinjiza amafaranga.

Kuri ivyo rero Charles Nihangaza asaba ko hoba amafaranga arihwa ku ngo zozo zidafise aho zikura amafaranga mu gihe hoba ayandi arihwa n’abafise ibikorwa vyinjiza amafaranga.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.