IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > “Kwemera ivyavuye mu matora bitsimbataza demokrasi”

“Kwemera ivyavuye mu matora bitsimbataza demokrasi”

mercredi 10 Ndamukiza 2013

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Therence Sinunguruza yatahutse mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2013 ava mu rugendo rwari rwamushikanye mu gihugu ca Kenya aho yari yitavye ibirori vy’iyimikwa ry’umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta.

Agishika ku kibuga c’indege, yakiriwe n’abandi banyecubahiro harimwo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’uwuserukira igihugu ca Kenya mu Burundi. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Therence Sinunguruza yashimye intambwe igihugu ca Kenya kigezemwo muri demokrasi.

JPEG - 33.9 ko

Ivyo bikaba vyagaragariye ku kuntu amatora yagenze. Yakeje ubutwari bw’abari bitoje kuko bemeye gushira aho intahe ishize. Yabandanije akenguruka ubutwari bw’abanyagihugu bo muri Kenya babumbatiye amahoro inyuma y’amatora, bongera bitaba iyimikwa ry’uwatsinze ari isinzi. Ivyo vyerekanye ko bakunda igihugu n’indongozi zabo.

Mu mubonano icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza yagiranye n’umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta, bumvikanye gutsimbataza ubucuti buri hagati y’ivyo bihugu bibiri hamwe no guteza imbere akarere ka Afrika y’Ubuseruko bahurikiyemwo.

Yarangije asaba abarundi kuhakura akarorero, abitoza bemere ivyavuye mu matora, abatwara nabo batwarire bose ku neza y’igihugu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.