Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kwiga kurafasha mu muziki - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Kwiga kurafasha mu muziki

Kwiga kurafasha mu muziki

mercredi 30 Gitugutu 2013

Bizimana Bienvenu n’umusore w’umurundi yakuriye mu gihugu ca Tanzania ari naho yatanguriye agahereza n’amashuri. Uwo ni umuririmvyi ageze kure cane haba mu vyiyumviro aririmba, eka n’umudiho abitangamwo. Azwi cane kw’izina rya Ellyz Boy. Yatanguye mu mwaka w’2001-2002 aho yagira ibiteramo mw’ikambi y’impunzi muri Tanzaniya.

Mu mwaka w’2010 niho yinjira mu nzu zikorerwamwo umuziki (Studio ) ubwa mbere. Ico gihe, yasohotse ahejeje gukora amajwi y’indirimbo ”Siwezi”, bukeye kabiri aza mu Burundi, Black Arthur amukorera amasanamu. Tumubajije icatumye iyo ndirimbo inyaruka gukorwa, yishura ko yayikoze afise umubabaro ku vyari bihejeje kumushikira, ku mwigeme bakundana. Ellyz Boy akunda kuririmba ivyamubayeko canke biba ku bandi, ivyo tubisanga mu ndirimbo nka ”Siwezi “,”Nari mu Mahanga”, “Diane” n’izindi, bimwe bita “inkuru y’ukuri”.

Abandanya avuga ko kuririmba ari ingabirano Imana yatanze mu muryango: Big Fizzo ni sewabo, Uncle crazy ni mukuru we, Mkombozi na we ni muvyara we. Kuba rero yakuriye mu muryango w’abaririmvyi, vyaramugiriye akamaro cane. Akarorero naho Fizzo yamutegetse gusubira i Tanzaniya kwiga, mu gihe wewe yarahevye amashuri kugira akore umuziki gusa. Ivyo arabishima cane kuko umuziki udakwiye wonyene, kwiga ari nkenerwa no kubaririmvyi.

Ubu bwavuba Ellyz na Terry West barasohora indirimbo yakozwe ku mudiho w’ibihugu vyo mu Burengero nka Nigeriya, izosohokera rimwe n’amasanamu ata gihindutse. Afise indirimbo nyinshi zakunzwe cane nka”Kingaingai”, “Mutoto wa Kigoma”, “Embe Dogo”…

Umuziki wiwe, awusohorera muri Gold Record, ukorwa na Rubanza J. Arangize akebura abandi kwitaho cane kwiga, kuko ubumenyi buva mu masomero bufasha no kuririmba.

Imwe mu ndirimbo yakoze


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.