Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kwongerereza akanovera mu bigori n’imyumbati, umugambi wa PAM - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Kwongerereza akanovera mu bigori n’imyumbati, umugambi wa PAM

Kwongerereza akanovera mu bigori n’imyumbati, umugambi wa PAM

mardi 4 Ruheshi 2013

Kurwanya gufungura nabi biri mw’ihangiro ishirahamwe rijejwe kurwanya inzara kw’isi PAM wishinze. Ku munsi, abana bagera ku 10 000 nibo bapfa kw’isi bivuye kudafungura neza.

Aha mu Burundi naho, ibice 95 kwi 100 babeshejweho n’uburimyi, gufungura nabi, biri mu bituma vya mbere haba impfu ku bana bato. Muri Afrika yose, igitigiri c’abana bari munsi y’imyaka 5 kigera ku bice 58 kwi 100. Bikagaragara y’uko umwana umwe kuri babiri, ageramiwe no kudafungura neza.

Hihwejwe ivyo vyigwa vyakozwe n’ishirahamwe ryinshinze kurwanya inzara kw’isi PAM, harafashwe ingingo zo kwongererza nsanganyangaburo ku mfungurwa zisanzwe zifungurwa cane hano mu Burundi, nk’ibigori, imyumbati n’ingano mu ntumbero yo kugwanya gufungura nabi no kwongerereza umwimbu hano m’Uburundi.
Kuri uno munsi igenekerezo rya 4 Ruheshi 2013, hari hateguwe uruganda rwerekeye kwongerereza akanovera ku mfungurwa zikunzwe gufungurwa hano mu Burundi.

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworuzi bufadikanije hamwe n,amashirahamwe yigenga yishinze kurwanya inzara mu Burundi, nka PAM, FAO, OMS na UNICEF bwarakoze icirwa ku bijanye no gufungura nabi kugira bige ukungene igitigiri c’abana bapfa bivuye ku gufungura nabi cogabanuka, ihangiro akaba aruko bova ku bice 58 kw’ 100 bakaja ku bice 48 kw’ 100. Ivyo navyo bigashobora gushikwako muri iyi myaka ine uvuye mu mwaka w’i 2011 gushika mu mwaka w’i 2015.

Bikaba vyagaragaye kandi ko gufungura nabi biri mu bisubiza iterambere inyuma kuko ,kugira igihugu gitere imbere, ni uko haba hari abantu b’amagara meza bagiserukira. Ku bw’ivyo abana barakeneye gufungura neza kugira bagire amagara meza, bamenye mu mashure yabo baheze banatere n’imbere.
Ku bwa Deo Guide Rurema, umuyobozi mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’ igihugu mu bijanye n’umugambi wo gufungura neza (Scaling Up Nutrition), uyo mu gambi wo kwongerereza akanovera mu bifungurwa nk’ibigori, imyumbati n’ingano uzoshoboka kuko Leta yamaze gutegakanya uburyo bukwiye bwo kwongereza umbwimbu mu ntumbero yo kurwanya inzara mu Burundi.

Ku bafise amakenga ko uwo mugambi uzohava udashikwako bihweje uburyo Uburundi bufise, Deo Guide Rurema, yabahumurije ababwira ko Leta yifadikanije n’amashiramwe yishinze kurwanya inzara kw’isi yamaze gutegura uburyo bukwiye kugira uwo mugambi ushikweko.

Mukamenya ko ibihugu vyose biri m’umuryango wa Afrika y’ubuseruko arivyo, Kenya, Tanzaniya, Ubuganda, Urwanda n’Uburundi vyamaze gufata ingingoywo kwongerereza akanovera mubifungurwa bizana ifarini nk’imyumbati n’ibigori.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.