Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lady Gaga mw’ikanzu iguruka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Lady Gaga mw’ikanzu iguruka

Lady Gaga mw’ikanzu iguruka

mercredi 13 Munyonyo 2013

Mu birori vyo kwerekana urukurikirane rwiwe rwa gatatu”ARTPOP”, umuririmvyikazi w’igihangange Lady Gaga yerekanye umwambaro utarumenyerewe kw’isi. Aho yari yambaye ikanzu iguruka.

JPEG - 16.6 ko
Igifuniko c’urukurikirane "ARTPOP"

Uyu munyamerikakazi w’imyaka 27 asanzwe afise inyambaro yisangije, kenshi ashaka ko bamubona uko zamuremye. Muri ico giteramo, haraho yaduza ukuguru ku nanga y’ikizungu bita "piano", muri ico gihe agasigara yambaye izuba. Ukubikora naho, akaba yabikora nkana. Ka ndundura, ubuhoho yambaye ikanzu iguruka muri ico giteramo.

Iyo kanzu yari yambaye ikoreshwa n’amabeteri. Bivurwa ko yamaze imyaka ibiri iriko ikorwa. Iyo kanzu “Volantis” yariyayikoresheje kugira aguruke imbere y’abakunzi biwe, yaragurutse umwanya muto kuko mu nyuma vyaranse ko ava hasi mugutanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru. Yarinze kugenda n’amaguru. Bamubajije igituma yiyumviriye gukoresha ikanzu nkiyo, Gaga yishuye ko ari ugutera imbere kw’imico.

Uwo munsi si Lady Gaga wenyene yagize ibitamenyerewe. Bamwe mu bagabo bari bitavye ico giteramo bari basize ku munwa bimwe bita “Rouge a Levre”. Abakobwa bambaye uturato dushinze nk’umusumari, bamwe bahuza ibitsina babisangiye bari bafise umwambaro uyobeye, umwe wese yambara uko ashaka. Iruhande y’ivyo yabandanije kuririmba indirimbo nyinshi ziri murukwirikirane rwiwe rushasha “ARTPOP”ari kumwe na Jeff Koons. N’indirimbo ziwe za kera za kunzwe zararirimbwe.

Raba aha hakurikira uko vyari vyifashe muri ico giteramo


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.