Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Laurent Kavakure arabeshuza ko ata ba FDLR bari k’ubutaka bw’Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Laurent Kavakure arabeshuza ko ata ba FDLR bari k’ubutaka bw’Uburundi

Laurent Kavakure arabeshuza ko ata ba FDLR bari k’ubutaka bw’Uburundi

mercredi 6 Rusama 2015

Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu barahumuriza igihugu c’Urwanda ko atabagwanyi ba ba FDLR bari k’ubutaka bw’Uburundi, ko ivyo vyavuzwe n’abari mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, n’amashirahamwe yigenga yashatse kuzimagize imigenderanire Uburundi busanzwe bufitaniye n’amakungu.

Inyuma y’urwandiko rwasohowe n’igihugu c’Urwanda rubicishije mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makuru aho bamenyesha ko batewe impungenge, n’amakuru bumva ko hoba hari abagwanyi ba FDLR n’Interahamwe ku butakabwa bw’Uburundi.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makuru, Laurent Kavakure yaciye asohora urwandiko aho yabeshuje ayo makuru, akamenyesha ko atabagwanyi ba FDLR bari mu Burundi, ahubwo ko vyavuzwe n’abari mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri k’ubutegetsi n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bashaka kuzimagiza imigenderanire Uburundi bufitaniye n’ayandi makungu.

Laurent Kavakure yamenyesheje ko amahoro n’umutekano vyifashe neza mu Burundi kiretse mu ma quartier amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura, hariko habamwo imyiyerekano itemewe n’amategeko aho haba n’imishamirano itewe n’abari muri iyo myiyerekano.

Tubibutse ko igihugu c’Urwanda cari casohoye urwandiko aho bamenyesha ko barajwe ishinga n’ibivugwa ku migenderanire yoba ihari hagati y’Uburundi n’abagwanyi ba ba FDLR boba bari ku butaka bwayo. Bagasaba abatwara igihugu c’Uburundi gukora igishoboka cose kugira bahindure ibintu mu gihugu, amahoro ashobore gutsimbatara. Naho bubahiriza ubwigenge bw’igihugu, budashobora kwinjira mu bibazo vyaco, Urwanda rubona ko umutekano w’abanegihugu ari ikibazo kiraba akarere ndetse n’amakungu, n’uko bivugwa na Louise Mushikiwabo, umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu mu Rwanda.


Alida S.

Messages

  • Urwanda Rushaka Imvo Yugutera Muburundi Bwishimikije Kohaho Interahamwe Iyo Ikaba Ariyo Migambi Basangiye Nabagwanya Ubutegetsi Bwa Petero Nkurunziza.

  • None ko muvuga Interahamwe, ba Pacifique na Vitare mukorana ntibobabwira aho ziri kugira tubone ko arivyo. Nimuze mudusotore arivyo mushaka ariko muzokabona mwa misega mwe !!!

  • marc sinarinzi ko hari abarundi batarezwe uko. birababaje imyaka abavyeyi bagutayeko bakurera ntihagire ikivamwo. hama izo nterahamwe murareka abazifashe baze barazerekana, bareke kuziha abajejwe umutekano, murabe ko batazerekana. gerageza kuza murashikiriza ivyiyumviro mwubashe abantu, namwe mwiyubashe

  • wapi abanyarwanda ntibakeneye kurwana nabarundi.bafise une autre mentalite.
    iwabo c est avancer bakeneye gutera imbere nukwirinda ingwano.Ahubwo abo bantu bari muri opposition barigira des inconscients.Iyo babeshe ngo hari interahamwe i burundi baba bazi ico bashaka gushika ko.pour eux tous les moyens sont bons pourvu ko amatora atabaho.barazi ko le peuple itakunda abagumutsi.baca bashakuja muntwaro suite yama negociations gusa.mais nizere ko bazi ko abavuye mwishamba babasumvya inguvu ko umunsi bohaguruka
    u rwanda rwoza gutabara abagoe be n abana ko bene kwatsa bobaraba nkigihaze imbwa

  • Laurent kavuyekure .Uhoraho akubanarire muburundi hari amahoro vyukuri ntabwoba ufise bwokwemeza ubu benshi nkubwo. Ndazi konamwe mutemera ivyo nkurunziza ariko aragira ariko mutinya komuva muva mubiti muriko.muri basumirinda ,kubona mindashobora kwiyumvira nabuzukuru banyu bazovukira mugihungu kitangira iterambere narimwe kirimwo .ikindi muhagarike ivyabahutu nabatutsi kuko ivyo ntibizogaruka .hagarika izoryane zukuryanisha abarundi turarushe.

  • Wewe Eveliyne, ndagusavye ushirehasi umushikiranganji wigihugu cacu atwunganisha nayandimakungu, abarundi mwahenze bakarongota baracatubabaje nawenguravuga ngumushikiranganji wacu ngontakunda President wigihugu ciwe (cacu!.)

  • ndasaba abarundi bafite uburere bahanure uwitwa MARC ntagakoreshe imvugo nyandagazi ku bwange ndamugaye ibyiyumviro bye nta nama ilimo ibye nugutukana gusa murakoze

  • @Macumi, U Rwanda nta objectif n’imwe rufite yo gutera UBurundi, gusa kumva ko Interahamwe ziri i Burundi ntirwabifata minenegwe. Ruracungira hafi ngo rumenye niba ari ukuri, Kagame ntabwo ahubuka.

  • mbe kuki nta bakerarugendo (touristes) baza i burundi gusura kavakure hahahahah

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.