IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Léonidas Hatungimana asigura ko udushimwe tw’umukuru w’igihugu tugirira (...)

Léonidas Hatungimana asigura ko udushimwe tw’umukuru w’igihugu tugirira akamaro igihugu

mercredi 25 Ruheshi 2014

Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyesha ko atawokwiyumvira ko amafaranga y’igihugu yononekara iyo umukuru w’igihugu afashe ingendo agiye gutora udushimwe yahawe. Hatungimana Léonidas avuga ahubwo ko bituma igihugu kimenyekana, bikazana n’utundi turusho hanyuma.

Haheze iminsi hariko havugwa ubushimwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aguma ahabwa n’amashirahamwe n’ibindi bisata bitandukanye bikorera mu makungu. Abahinga muvy’ubutunzi bagasigura ko nk’iyo umukuru w’igihugu afashe nk’ingendo zibiri mu kwezi kumwe agiye gutora ubushimwe yahawe bitwara amafaranga menshi, kandi n’igihugu gisanzwe gikenye. Léonidas Hatungima, umuvugizi w’umukuru w’igihugu, mu kiganiro c’abavugizi bose b’inzego za Reta cabereye mu ntaya ya Kirundo kuri uwu wa kabiri, yamenyesheje ko ivyo atawe vyari bikwiye gutangaza, kuko umukuru w’igihugu agiye gutora agashimwe akoresha mafaranga asanzwe yaragenewe ingendo ziwe.

JPEG - 3.7 Mo
Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Kubwa Leonidas Hatungimana, iyo umukuru w’igihugu agiye gutora agashimwe yahawe, bigirira akamaro igihugu, kuko bituma kimenyekana mu makungu, n’utundi turusho dushobora kugaruka ayo mahera aba yakoreshejwe tugashobora kuboneka, nk’uko bivugwa na Leonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu, aho asigura mbere ko Petero Nkurunziza iyo afashe izo ngendo ataba ajanywe n’ugutora ako gashimwe gusa, ahubwo ahora aca agira n’imibonano n’ibindi bikorwa bijanye n’amabanga yiwe ya minsi yose.


Egide Nduwimana

Messages

  • Woduha akarorero aho yagiye gutora agashimwe dutubitse umukanda munda hanyuma tukabukura mucibo? Umaze kwumva uwundi mukuru wigihugu wa afrika yamira munda yindege nkuyu wacu ari uwahe?2005 ifanta yayishije kuri 250 fbu ubu igugwa angahe? Canke ni kubera uruganda rwahindutse.twara utamena,

  • ABIYAMIRIZA INGENDO ZUMUKURU W’IGIHUGU AGIRA AGIYE GUTORA UBUSHIMWE NIBAMWE TUTAYOBEWE BATIGERA BEMERA IKINTU NAKIMWE BARWANYA NIGIHUGU CABO,HAMA NTABARA MUMBWIRE KO UMUKURU WIGIHUGU YOGOMWA NAMAKUNGU KUBIJANYE NIBIKORWA VYIZA AKORA KANDI BIHESHA AGACIRO IGIHUGU CACU HAMA NGWAREKE KUJA KUGATORA?NTAYINDIMVO ITUMA BABIRWANYA ATARIMVO ZUKWUTIFUZAKO IGIHUGU GITERA IMBERE BASHAKAKO BOSHIKIRA IGIHUGU KANDI BIDAKUNDA

  • Muramwanka ariko azobayobora tu,he Muyigo ico womenya wewe nyene udakuy’amaboko mumpuzu ngurime canke worore,canke urangure amabanga ujejwe mubwira ntangere,kugira witeze imbere,uzokwamira gusabiriza,si president canke uwundi muyobozi azoza kugukuburira kwirembo iwawe canke murutara iwawe,twebwe abarundi benshi turabona inyungu iva mwuko gushimigwa kw’umu presidant wacu,vyose bitangwa kuko dufise amahoro akwiriye,natwe tukaboneraho kwiteza imbere mumirimo itandukanye,kuko ata munwa w’inkoho uturi kumugongo batwirukangana,nimuduh’amahoro rero twiyungunganye,reka kudusamaza.

  • None ga Muyingo abandi ushaka bamire mu nda y’indege boba bagiye hehe ? Aba Perezida bo muri Afrique baronka ubushimwe nkubwa Petero aronka ni bangahe. None ku bwawe bakamuhaye uba ushaka ace akanka avuge ko ata ticket afise ? Ibiciro vy’ivyo kurya bizimvye hose kwisi si I Burundi gusa. Hose biguma biduga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.