Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Léonard Nyangoma arataha mu gihugu vuba cane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Léonard Nyangoma arataha mu gihugu vuba cane

Léonard Nyangoma arataha mu gihugu vuba cane

lundi 26 Myandagaro 2013

Mu nama yariko ihuza abarongoye umugambwe CNDD ( Conseil National pour la Défense de la Démocratie) urongowe na Léonard Nyangoma, ku munsi w’ejo kuw’Imana, urwego nshingwabikorwa rw’uwo mugambwe rwamenyesheje ko Léonard Nyangoma agiye nawe gutaha mu gihugu, aze gutunganya umugambwe n’ukwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015.

Muri iyo nama yariko ibera mu Rumonge, mu ntara ya Bururi, ubwa mbere kuva umugambwe CNDD wikuye mu matora y’amakomine yo mu mwaka w’2010, Charles Niyungeko ari mu rwego nshingwabikorwa rw’uwo mugambwe yamenyesheje ko Léonard Nyangoma azoshika hagati y’impera za kuno kwezi n’intango y’ukwezi kwa Nyakanga buca dutangura.

Abari muri iyo nama bumvikanye gusubira kunagura uwo mugambwe wabo, inyuma y’imyaka itatu iheze ata huriro n’abanywanyi.
Kabaye kandi n’akaryo ko kumenyesha inzitizi babona zishobora gutosekaza amatora yo mu mwaka w’2015, nk’abagize umurwi CENI utegura amatora batumvikanweko na bose. Mu mugambwe CNDD rero bamenyesha ko bazoterera agacumu k’ubumwe mu nteguro y’itegeko rizogenga imigambwe mu matora yo mu mwaka w’2015.

JPEG - 8 ko
Lénard Nyangoma, umukuru w’umugambwe CNDD

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.