Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Leonard Nyangoma na Pascaline Kampayano bagiye gutahuka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Leonard Nyangoma na Pascaline Kampayano bagiye gutahuka

Leonard Nyangoma na Pascaline Kampayano bagiye gutahuka

mardi 12 Ruhuhuma 2013

Leondard Nyangoma arongoye umugambwe CNDD yahunze u Burundi inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010. Yahunze hari imitahe yo kumuhagarika ariko ngo ntabwoba bimuteye. Uwundi yavuze ko agiye gutahuka ni Pascaline Kampayano ari mu mugambwe UPD-Zigamibanga. Bamenyesha ko bitavye akamo k’imigambwe yabo mu ntumbero yo gutegura amatora yo mu mwaka w’2015.

Ntibikiri ikinyegezwa, Leonard Nyangoma arongoye umugambwe CNDD na Pascaline Kampayano yari yaserukiye umugambwe UPD-Zigamibanga mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2010 bamaze kwemeza ko bagiye gutahuka mu gihugu cabo c’amavukiro. Womenga bavyumvikanye gutahukira rimwe.

Igihe yahunga inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010 yari yavuze ko akinjuye kubera imitahe yo kumuhamagaza mu butungane. Ntawamenye aho yaciye, vyamenyekanye yamaze gushika mu bihugu vya Bulaya.

Ntiyatevye kwagiriza ubutegetsi kobwariko buramuburabuza bumutera ubwoba kuko arongoye umugambwe utavuga rumwe na Reta. Uwo mugambwe mbere uri muyiindi irenga 10 yagize urunani ADC-Ikibiri rutavuga rumwe na Reta.

Mu kuvuga ko agiye gutahuka, Nyangoma yavuze ko yitavye akamo k’umugambwe wiwe naho umukuru w’igihugu na Reta yiwe yaramaze igihe ahamagara abanyepolitike bahunze u Burundi botahuza kubaka igihugu.

Nyangoma yavuze ko atahutse gutegura amatora yo mu mwaka w’2015 ari kukibuga yongera arondera abanywanyi. Ngo atahutse kandi kuvugana n’ubutegetsi kuvyerekeye ibibazo vy’umutekano,ubutungane,ubutunzi,agateka ka zina muntu n’ibindi.

Igihe yahunga, yari yakinjuye ahejeje kumenyesha ko ubutungane bw’u Burundi buri8ko buramutoteza mu kumurungikira imitahe itandukanye yo kumuhagarika no kumutera ubwoba. Ubu, yemeza ko naho hoba hari imitahe yoba imurindiriye kugira ace ahagarikwa afungwe ngo ntabwoba bimuteye. Avuga ko atagitangaza coba kirimwo kuko ngo arazi ubutungane ingene bukora. Ariko ngo ntibizomubuza gutaha mu gihugu ciwe c’amavukiro.

Nta mezi 6 yari bwahere amenyesheje ko adashobora gutahuka vuba. Bamwe n’abandi bibaza icoba camutumye ahindura imvugo agafata ingingo yo gutahuka. Hari amakuru avuga ko Reta y’u Burundi ariyo yoba yavuganye n’ibihugu vya Bulaya kugirango bibafe e ingingo yo kwirukana abanyepolitike bahugiyeyo bavuye mu Burundi. Kumbure ngo hoba ari mu ntumbero y’imigenderanire myiza hamwe no kwereka amakungu ko amatora yo mu mwaka w’2015 ariko ategurwa neza.

Uwundi munyepolitike akomeye yavuze ko agiye gutahukavuba n’umupfasoni Pascaline Kampayano yari yaserukiye umugambwe UPD-Zigamibanga mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2010.

JPEG - 10.8 ko

Nawe nyene yavuze ko aje gutegura amatora yo mu mwaka w’2015, kandi ngo yitavye akamo k’umugambwe wiwe.

Asaba umukuru w’igihugu gushira mu ngiro iryo yavuze mu gucungera umutekano wabo banyepolitike bagiye gutahuka kuko ngo barazi ko umutekano wabo ushobora kubangamirwa.

Leonard Nyangoma na Pascaline Kampayano babaye abanyepolitike bagira gatatu batavuga rumwe na Reta bavuze ko bagiye gutahuka. Uwundi ni Alexis Sinduhije nawene arongoye umugambwe MSD utavuga rumwe na Reta. Bose bamenyesheje ko bagiye gutahuka ariko nta talike baratangaza.

Hari ivyegeranyo vy’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyagiye ahabona vyagiriza abo banyepoilitike babiri, cokimwe n’abandi ataco barashikiriza kugutahuka kw’abo, ko bafise uruhara mu ntamabara zibera mu buseruko bwa Congo. Baragirizwa kandi ko bafasha kandi bafise imigwi igwanya Reta ikorera muri Congo.

Haracasigaye abandi banyepolitike bahunze u Burundi inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010 batagira ico bavuze kuguhunguka kw’abo.

kw’ifoto: Leonard Nyangoma arongoye umugambwe CNDD


Pierre Claver Niyonkuru na Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.