IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Leonidas Hatungimana: Hari benshi bagandagurwa ariko Reta ntigire ico (...)

Leonidas Hatungimana: Hari benshi bagandagurwa ariko Reta ntigire ico ivuga

vendredi 8 Rusama 2015

Imyiyerekano yatungwanijwe mu gisagara ca Bujumbura ni imyiyerekano y’amahoro, abariko barica abantu canke baturira ibintu, abo ntibariko baharanira ivyo biyemeje, nk’uko vyashikirijwe na Leonidas Hatungimana, yahoze ari umuvugizi w’Umukuru w’Igihugu, inyuma yo kwirukanwa muri ayo mabanga, kubera adashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Inyuma y’iyicwa bunyamaswa, ry’umusore yiketswe kuba ari Imbonerakure, muri komine ya Nyakabiga, aho yafashwe n’abariko bagira imyiyerekano, bamwagiriza ko yazanwe n’uwitwa Kazungu akorera urwego rw’igendereza, uwo musore yarafashwe arakubagugwa, aho yaciye yicwa aturiwe.

Iyo nyifato abatari bake barayiteye ivyatsi. Leonidas Hatungimana, umwe mu biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza yasubiye kwibutsa ko iyo myiyerekano bayitunganije mu ntumbero yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca petero Nkurunziza, kandi ikwiye kuba imyiyerekano yo mu mahoro, aho umuntu wese akwiye kwubahiriza agateka ka mugenzi we, naho bataba bariko baharanira imigambi imwe.

Leonidas Hatungimana arashimira cane abashikiranganji ba Reta y’Uburundi harimwo uw’intwaro yo hagati, uw’ukwivuna abansi n’abandi bishikiye aho hari hahejeje kubera iryo bara. Ariko agatangazwa no kubona bihutiye kuza aho hari hatuririwe umuntu, kandi hari henshi abantu bama bapfa barashwe n’amasase yica ariko batigeze bahashika kugira bagire ico bashikirije abanyagihugu.

N’umwe mubatunganije iyo myiyerekano, Pacifique Nininahazwe aratera ivyatsi iyo ngendo igayitse agasaba abari mu myiyerekano ko bashira imbere iyubahirizwa ry’agateka kazina muntu, ntihasubire kwibonekeza ibikorwa vyokwihorana.

Agahamagarira abari mu myiyerekano ko bokwirinda abashobora kubacanishamwo kuko ibiriko biraba bishobora kwegekwa ku bari mu myiyerekano naho boba atari babikoze, aranabasaba kandi gukoresha ubwenge mu vyo bakora, ko batosubira kubuza abamenyesha makuru canke abaganga gukora akazi kabo, kuko baba bariko barabafasha mu kubavura canke mu gushikana imbere ivyo bariko barasaba.


Alida S.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.