Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Leta ntigire uko ubukene bugize ngo irondere ikori mubanyagihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Leta ntigire uko ubukene bugize ngo irondere ikori mubanyagihugu (...)

Leta ntigire uko ubukene bugize ngo irondere ikori mubanyagihugu bakenye

mardi 25 Ruheshi 2013

Kuva aho bitanguye kunuganurwa ko ingingo umukuru w’igihugu c’ Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkuruniza ko akuyeho amatagis,i yari yarakuyeho ku bifungurwa bimwe bimwe haraheze umwaka, ariko ko ayo amtagisi ashobora gusubizwaho, abatari bake baratanguye kwerekana amakenga kuri iyo ngingo na rirya ubukene mu gihugu bwabaye ndanse.

Mu mugambwe w’abadasigana Uprona bavuga ko Leta yoba irahagaritse iyo ngingo ikaraba aho ikura amafaranga izokoresha ariko atari ugusubizaho irya ngingo kuko abarundi bakenye cane, maze Leta nayo ntihave igira uko ubukene bugize ngo ihave ironderera amafaranga izokoresha mu bukene bw’abanyagihugu. Ahubwo Leta isabwa gushigikira intwaro ibereye maze amafaranga yagenewe kuja mu kigega ca Leta aze arajayo. Abashinzwe gukurikirana ibikorwa vya Leta nabo ntibaheze ngo biyake uburenganzira bahabwa n’amategeko.

Karori Nditije asanzwe arongoye umugambwe w’Abadasigana Uprona, akaba asaba Leta ko yokwiga ubundi buryo yorondera amafaranga ikoresha ariko atari mu matagisi yari yarahevye.

Eka ndetse hari n’abandi berekana ko Leta yaba itibwa amafaranga na bamwe mu bari bajejwe kuyazigama, izi ngorane igihugu kirimwo ziba zaragabanutse, ivyo rero bikaba bivurwanko mu madosiye amwe amwe harimwo ukwo ya miduga ya Leta yoba iriko iradandazwa vy’ukuri ari ibintu biteye agahinda.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.