Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta y’Uburundi irashima imfashanyo z’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Reta y’Uburundi irashima imfashanyo z’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa (...)

Reta y’Uburundi irashima imfashanyo z’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya

mercredi 22 Ndamukiza 2015

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ari kumwe n’uwuserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu Burundi, barashize umukono ku masezerano yo gufashanya mu bijanye n’amatora yimirije mu Burundi. Umushikiranganji arashimira iryo shirahamwe ku mfashanyo zitandukanye zitangwa n’iryo shirahamwe.

Ayo masezerano ashingiye ku gikorwa c’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya co kurungika abazoza gucungera amatora bavuye mu bihugu bigize ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, yateweko umukono ku muhingamo wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 21 ndamukiza 2015.

Mw’ijambo ry’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure bahejeje gutera umukono kuri ayo masezerano, yamenyesheje ko ayo masezerano aterekeye gufashanya mu buryo bw’amafaranga nk’uko vyari bimenyerewe, ariko ko ari amasezerano yo gufashanya mu bijanye na PoRitike.
Laurent Kavakure yavuze ko ayo masezerano aje kwishura ubutumire bwa Reta y’Uburundi kw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, bwo kurungika abaza gucungera amatora, ivyo ngo akaba ari ikimenyetso c’uko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rifise ugushaka ko amatora yoba mu mahoro n’umutekano.

Umushikiranganji Laurent Kavakure yavuze ko ayo masezerano afise akamaro kanini kuko yerekana amatora abaye mu muco kandi yitabwe na bose. Yavuze ko ata makenga bafise ko abarorerezi b’amatora bazokwubahiriza ingendo igenga abarorezi b’amatora. Laurent Kavakure yarangije ashimira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya kumfashanyo bamaze iminsi babashikiriza na cane cane, muri bino bihe vy’amatora, aca abemerera ko Reta y’Uburundi izokworohereza abaje gukurikirana amatora mu kubaronsa uruhusha rwo kuba mu Burundi bitagoye, kubashikana hagati mu gihugu no gukura amakori ku bikoresho bazokwinjiza mu Burundi.

Ku ruhande rw’uwaserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu Burundi Patrick Spirlet, yavuze ko biteguye gushigikira Uburundi mu matora babicishije mu bice bitatu, arivyo gutanga imfashanyo mu buryo bw’amafaranga, gufasha mu gutunganya ibiganiro vya poritike hamwe no gushigikira abazoza nk’abarorerezi mu matora ategekanijwe, gutangura mu kwezi kwa Rusama, uyu mwaka w’2015.

Patrick Spirlet yavuze ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryiteguye gushira kandi umukono ku yandi masezerano n’umurwi w’igenga ujejwe gutegura amatora mu Burundi CENI kugirango amatora agende neza.
Abari mu murwi w’abahinga bazoza gukurikirana amatora vyitezwe ko batangura gushika mu Burundi mu kiringo kidashika indwi zibiri.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.