Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Leta y’Uburundi isugerejwe n’amadeni y’umurengera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Leta y’Uburundi isugerejwe n’amadeni y’umurengera

Leta y’Uburundi isugerejwe n’amadeni y’umurengera

mardi 12 Munyonyo 2013

Ishiarahamwe PARCEM rihamagarira gukoranya inama idasanzwe irimwo abahinga mu vyo ubutunzi, kuko ubutunzi bw’Uburundi bugeze ahatemba uravye amadeni y’umurengera Leta ifise hamwe n’amafranga y’abafasha asa n’ayaza ari make gose, nkuko bivurwa na Fostino Ndikumana arongoye PARCEM.

Mu gihe mu mwaka w’ 2005 wari uwo kwiruhutsa ko amadeni asa n’ayaheze, ahubwo Leta wamenga ni ko karyo ironse yo gukoresha amahera y’umurengera. Ishirahamwe PARCEM kandi riratewe impungenge n’imyenda y’umurengera Leta ifise yaba mu gihugu hagati agera ku miriyaridi 600 canke hanze nayo nyene ahakwa kwababa ayo nyene, amafranga angana ibice 14 kw’ijana niyo amaze gutangwa mu gihe Leta yo ivuga ko ari ibice 52, amaze gutangwa n’abafasha Uburundi, bimenyesheshwa n’umukuru w’ishirahamwe PARCEM mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 munyonyo 2013.

Ivyo rero bikaba bifise ingaruka mbi cane. Ku bw’uyo muhinga mu vy’ubutunzi, avuga ko Leta yiyorohereza mu gufata ingurane mw’ibanki nkuru y’igihugu, ayo mafranga iyanyanyagiza mu banyagihugu ataco irabiye ko, kandi ubutunzi butigeze bwiyongera na gato ayo mafranga aca atuma ifaranga riguma rita agaciro. Ikindi kandi aho kw’ibanki nkuru y’ igihugu yofashije igaha amabanki amafranga yo gukoresha , ahubwo iyahereza Leta. Amabanki nayo aho guha abikorera utwabo ingurane, iyaha Leta, gurtyo Leta igaca ikena amatagisi yinjira kuko ahanini abanyamitahe bataba bahawe amafranga n’amabanki kugira bakore. Fostino Ndikumana akabandanya avuga ko iyo bimeze gurtyo, inzira zose ziba zisa n’izugaye kuko yaba amabanki, yaba n’ibanki nkuru y’igihugu bose bahereza Leta.

Mw’ishirahamwe Parcem bavuga ko iyo ingurane yiyongereyeko, n’inyungu irongerekana, ubu Leta ikaba iriko iriha amafranga angana imiriyaridi 30 y’inyungu ayo nayo aca ashirwa mu yazotegurwa gukoreshwa ku mwaka, ayo mafranga nayo ugasanga angana hafi n’ayo ubushikiranganji bwose bwokoresha. Ikindi kiraje ishinga cane, n’amafranga y’abasanzwe bafasha Uburundi aza nabi nabi, aho ibice 14 kw’ijana arivyo bimaze gutangwa, aho ni mu gihe Leta yoyo ivuga ko bamaze kuronka ibice 52 kw’ijana, ivyo bikaba biri mu cegeranyo c’ukuntu amakonti ya Leta akoreshwa bita TOFE (Tableau des opérations financieres de l’Etat). ku miriyaridi 574 z’amafranga y’amarundi yemewe n’abasanzwe bafasha Uburundi, imiriyaridi 27,8 nizo zimaze gusohorwa n’abafasha Uburundi, gushika mu mpera za Nyakanga.

PARCEM rero, rikaba rihamagarira Leta gukoresha inama rukokoma yerekeye ivy’ubutunzi, aho ibiganiro nyakuri vyoba, Leta ikareka kuguma yirabisha imirazi aho kubona uko ibintu biri.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.