IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Leta y’Uburundi mu kiganiro n’abo itwara

Leta y’Uburundi mu kiganiro n’abo itwara

samedi 23 Ntwarante 2013

Gitega, igenekerezo rya 21 Ntwarante 2013, abanyagihugu barasangiye ikiyago n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, umuvugizi wa Leta hamwe n’abavugizi bo mu bushikiranganji bwose bugize Leta y’Uburundi, mu nyubakwa imwe muzigize komine.

JPEG - 88.3 ko

Ikiyago cari cubakiye ku bibazo bijanye na politike, ubutunzi,umutekano, amasoko ntanganguvu n’ibidukikije, ukungana kw’ibitsina, ukwemera, indero, inkino, n’ibindi
Muri make, umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Léonidas Hatungimana yishuye ku kibazo giteye amakenga ku bijanye n’ibikorwa vy’imigambwe n’abanyamigambwe, aho yashikirije ko iyo ari intango y’ukuganira ku bibazo vyose bihanze igihugu, vyose bigashoboka iyo amategeko ariko arubahirizwa.Ni muri iyo ntumbero yasavye abanyepolitike kumenyesha ku butegetsi amahuriro yabo, mu kwisunga amategeko.

Ku bijanye n’ubutunzi, uwo muvugizi yashikirije ko ubutunzi bw’igihugu bwisununuye gato inyuma y’impanuka y’umuriro yateye isoko nkuru ya Bujumbura, ivyo ahanini tukabikesha abagenzi b’igihugu bitanze batiziganya mu kutugarukirako.

JPEG - 97.4 ko

Abavugizi bo mu bushikiranganji bw’umutekano n’ubwo kwivuna abansi bakeje ubutwari bw’izo nzego butuma amakungu aguma akenera kuzikorako mu kugarukana amahoro mu bihugu bikiri mu ntambara. Ku kibazo kijanye n’uguteba kw’imishahara y’abasirikare bari muri Somaliya, Col Gaspard Baratuza yamenyesheje ko hariko harakorwa ibishoboka vyose kugira ico kibazo gitorerwe inyishu burundu

Ku kibazo ca Zebiya cagumye kigarukwako, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yasavye ukwubahiriza amategeko, ibisigaye tukarindira ibizova mu murwi washinzwe ngo ukore amatohoza ku bwicanyi bwabereye i Businde mu ntara ya Kayanza.

Mu vy’indero, hagarutse ikibazo c’abanyeshure bahawe kuja kubandanya amashure muri Egypte kuva mu mwaka w’2010 bakaba gushika kuri uno mwanya bataragenda. Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji yasavye abo banyeshure gutenyenya barindire ko inyishu yotorwa.

Mu nkino, abamenyeshamakuru baragarutse ku tunenge tuboneka muri ico gisata, aho cane cane bagarutse ku matora yabagiye kuzorongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru. Umuvugizi muri ubwo bushikiranganji yamenyesheje ko basavye FIFA gufasha mw’itunganywa ry’ayo matora.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.