IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Leta Y’Ubuyapani yahaye imfashanyo impunzi z’i Mutabira

Leta Y’Ubuyapani yahaye imfashanyo impunzi z’i Mutabira

vendredi 29 Ntwarante 2013

Amafranga angana umuliyoni n’ibihumbi amajana atanu y’amadolari niyo yatanzwe nk’imfashanyo na Leta y’Ubuyapani, kuwa kane igenekerezo rya 28 Ntwarante 2013, ku mpunzi z’abarundi ziri i Mutabira.
Ayo masezerano yateweko igikumu n’uwuserukira igihugu c’Ubuyapani mu Burundi ari kumwe n’uwuserukira PNUD mu Burundi hamwe n’umushikiranganji w’ugufatana mu nda n’agateka ko zina muntu, Umupfasoni Clotilde Niragira.

Nk’uko vyashikirijwe n’abo bategetsi, iyo mfashanyo igenewe impunzi z’abarundi zigera ku bihumbi mirongo itatu na bitanu ziri mw’ikambi i Mutabira muri Tanzaniya.
Iyo mfashanyo ikaba izokoreshwa mu gisata c’indero, mu bikorwa bitobito vyo kwiyungunganya vy’izo mpunzi mw ‘iterambere.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.