IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Reta yarakoze ibitari bike bishimishije, ariko ntiyashoboye gushika ku (...)

"Reta yarakoze ibitari bike bishimishije, ariko ntiyashoboye gushika ku rugero yipfuza’’

mardi 31 Kigarama 2013

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yashikirije ijambo abarundi, abarundikazi n’abanyamahanga baba mu Burundi. Ikinyamakuru IGIHE kikaba cipfuje guha abasomyi baco iryo jambo ryose ukwo ryavumerewe na kizigenza.

1. Umwaka w’i 2013 urarangiye, uw’i 2014 uratanguye. Tubanje gukengurukira Imana Rugiravyose ku vyiza vyinshi yaduhunze uyu mwaka, twongera tuyisaba kubandanya ituja imbere muri uyu mwaka mushasha dutanguye.

2. Turipfurije abarundi n’ababa mu Burundi mwese umwaka mwiza, umwaka w’amahoro n’imigisha myinshi mu banyu.

3. Iciyumviro nyamukuru tuzisunga kandi tukagendera muri uno mwaka mushasha kikaba ari : « Iterambere n’amahoro birama bishingiye ku kumenya ukuri, gusubiza hamwe no guhariranira kw’abarundi ».

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi,

4. Uyu mwaka w’i 2013 turiko turasozera ni wo mwaka wa mbere uheze inyuma y’uwo twahimbajemwo yubile y’imyaka 50 Uburundi bwari bumaze bushikiriye intahe y’ukwikukira. Twagira rero duce ku masonga ivyawuranguwemwo,nayo ido n’ido mukazobishikirizwa n’abashikiranganji.

5. Muri rusangi, uwu mwaka turangije waranzwe n’umutekano mu gihugu, aho abanyagihugu babandanije imirimo yabo ata wandya wa ngura. Iciyongereyeko ni uko abanyagihugu babandanije barabana ryiza mu budasa bwabo.

6. Ivyo ni vyo vyatumye mu ntara zose z’igihugu, mu makomine yose ibikorwa bijanye n’inyubakwa rusangi vyarabandanije, kandi umwete n’ishaka vy’abanyagihugu bikiri vyose. Uyu mwaka wa mbere w’inyuma ya yubile y’ukwikukira ukaba waranzwe n’ibikorwa vyinshi vy’agaciro. Harubatswe amashure mato mato n’ayisumbuye harimwo n’ay’imyuga mbere na kaminuza, tutibagiye ibibuga vy’inkino, ibibanza vyo kwinezererezamwo, ibigo ndangamico, amahinguriro, ibigwati, amahoteri, ibiro vy’indongozi, amasengero, ingoro z’imigambwe n’ibindi. Haratewe n’ibitara vy’ivyamwa bitari bike.

7. Ibi vyakozwe n’abantu batandukanye, yaba amadini, intwaro, abanyagihugu, amashirahamwe, abarwizatunga n’abandi, mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 51 iheze uburundi bwikukiye nkuko twabisezeranye ko igihe cose, mu guhimbaza umusi mukuru nk’uwo tuzohora twinjira ivyo twaranguye, tugaca dutegura ivy’umwaka ukurikira mu ngendo yo gutsimbataza intahe y’ukwikukira. Ubu bakaba bariko baritegurira kurangiza ivyo bazohimbarizako umusi mukuru w’imyaka 52 y’ukwikukira kw’igihugu cacu.

8. Uturorero ni amasomero 2.230, ibitaro 2 vyubatswe ibindi 2 bigasanurwa, amavuriro 40, amavomo ya rusengo 1427 n’amabarabara y’imigenderanire 15 yakozwe, eka n’ibigwati 23 bishasha vyarubatswe, maze inzu 3.940 zirasakarwa hakoreshejwe amabati 141.487. Nayo kuva umugambi utanguye gushika ubu, hakaba hamaze kwubakwa ibigwati 57. Muri vyo, 17 bikaba vyubatse ku mabarabara. Intara ya Karusi ikaba ariyo iza imbere mu kwitaba uwo mugambi.

9. Abo bose bitanze turabakengurukiye cane kubona baritavye akamo twabateye kandi tubemereye kubashigikira mu kubaronsa bimwe bimwe mu bikoresho tuzoba dushoboye kuronka.

10. Ibi vyashobotse kubera ubwira n’ubwitonzi hamwe no gusenyera ku mugozi umwe vyaranze inzego z’umutekano, iz’ubutungane, intwaro n’abanyagihugu.

Nkako, kubera uko gukorana vyatumye utugwi dushika 107 tw’inkorabara dusamburwa, maze abasuma ba karuhariwe bashika 500 bari muri two barafatwa bashikirizwa ubutungane. Ni muri ubwo buryo hafashwe inkoho zirenga 140 zakoreshwa muri ubwo bubisha.

11. Tumaze kubona ko hakiri ibigwanisho bicira umuriro mu banyagihugu, ariko tukamenya ko hari abipfuza kubisubiza, twahavuye dufata ingingo yo kubangira guhana uwo wese yogira umutima wo gusubiza ikigwanisho. Iryo sekeza rigira kabiri rero ryaratanguye kandi rizorangirana n’itari 6 za Ruhuhuma 2014. Turashima ko mu ndwi zibiri gusa z’imbere ya Noweri inkoho 20, amagerenade 140 n’amasasu ashika hafi 2.000 vyasubijwe. Tuboneyeho rero gutera akamo uwo wese yoba acica amatwi ngo areke kuguma abitse ikara mu gashambara.

12. Duhiriwe duhishije naburya uyu mwaka ariho twatanguye gushira mu ngiro imigambi ibiri ikomeye izotuma amahoro n’umutekano bibandanya gutsimbatara mu gihugu cacu. Iyo nayo ikaba ari umugambi w’igihugu wo gutsimbataza umutekano hamwe n’umugambi w’inyigisho zo gukundisha cane igihugu beneco. Turararitse abanyagihugu kuvyitabira.

13. Ibi vyose vyasasiwe indava n’ingendo twiyemeje yo kuja inama n’ingingo mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu. Turashima ibiganiro abanyepolitike bagize, dufashiijwe n’ibiro BNUB biserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU aha mu Burundi, ivyabereye i Bujumbura canke mu Kayanza, kuko vyose vyabaye ngirakamaro.

14. Turashima kandi ko natwe nyene abarundi twitunganirije ibiganiro nk’ivyo tutabanje gutaka abanyamahanga. Akarorero ka hafi ni ivy’Inama nshingamateka na nkenguzamateka baheruka gutunganya ku ntererano zijanye n’ivyohinyanyurwa mw’ibwirizwa nshingiro. Ico ni kimwe mu vyerekana ko dushoboye kandi kiza nk’inkebuzo ku barundi bamwe bamwe bacibaza ko inyishu ku bibazo bibabakiye zova mu kuja mw’ibarabara. Dusubiye gutera akamo abo bose baciyumvira gutyo ngo bamenye ko inzira mwene izo z’akaguma zidashika.

15. Kuja inama n’ingingo ni vyo vyatumye dutunganya inama yo guterera ivyiyumviro kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa rigenga umugwi wo gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB ngo ubashe kurushirizaho gukora neza. Turakenguruka ivyo waranguye muri uwu mwaka dusozereye, aho amatati 3.259 yatatuwe, maze muri yo 1.446 agatora inyishu biciye mu mwumvikano atari uruhendo n’agahemo.

16. Turakengurukiye abamaze gutahura ko kuba mu bitari ivyabo ata mugisha bitanga, bagafata bonyene iya mbere yo gusubiza benevyo ata n’induru n’imanza ziriwe zirajamwo. Ese bobera akarorero abandi. Tugasaba uwo murwi CNTB gukomera kw’ibanga bajejwe ryo gusubiza iteka abarinyazwe.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi,

17. Aya mahoro n’umutekano ni vyo vyatumye igihugu cacu cizerwa n’amakungu. Ibimenyetso vy’iyo shusho nziza y’Uburundi ni ntaseswa. Ehe namwe, amakungu aguma asaba Uburundi ngo buje gufasha kugarura n’uguhagararira umutekano mu bindi bihugu, ingabo z’igihugu zigizwe n’abasirikare n’abapolisi ziriko zirakora ibishimwa muri Haïti, Sudani, Côte d’Ivoire, Somaliya, na Centrafrika. Ubu, uwurongoye inteko Mpuzamakungu AMISOM ziri muri Somaliya, ni Umurundi, eka mbere n’icegera c’uwurongoye inteko muri Centrafrique, ni Umurundi. Si ivyo gusa, abarundi barizigirwa cane no mu zindi nzego Mpuzamakungu.

18. Ntiturambirwe, biraca biraza, uravye ingene amanama Mpuzamakungu abera aha iwacu yiyongera, ukaraba ibihugu icenda (9) bishasha vyunze ubucuti n’Uburundi muri uyu mwaka mu kugena ababiserukira aha iwacu, nayo igihugu c’Ubuholande co kikaba cuguruye ibiro aha i Bujumbura. Eka natwe ntitwibagiye ko agafuni kabagara ubumwe ari akarenge, gutyo tukaba twararungitse abaja guserukira Uburundi mu bindi bihugu bitari bike tutari tubafisemwo. Twaragize n’ingendo mu bihugu bitari bike, turitaba n’amanama mpuzamakungu atari make, kugira dukomeze canke dutangure ubucuti n’ibindi bihugu.

19. Twarakomeje ubucuti mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko aho naho ibere ryari ryayaze, inama y’Abakuru b’ibihugu iheruka yasubije ibintu mu buryo.

20. Kumenyekanisha neza igihugu ntibica mu nzira y’ubuserukizi bwaco mu bindi bihugu gusa, biraca no mu bikombe, imidari canke udushimwe turonka mu mahiganwa aduhuza n’ibindi bihugu, haba mu nkino z’umupira canke mu kwiruka, haba mu mahiganwa ajanye n’akaranga, n’ibindi, tutibagiye n’udushimwe tw’iteka indongozi zitandukanye zidahengeshanya kuronka mu makungu. Turakeje abo bose baduserukiye bakaronka udushimwe, kandi turateye intege n’abo bitavye amahiganwa ariko bataronse amahirwe yo gushimirwa. Ntibadebukirwe kuko uwudatsinze uno musi ashobora gutsinda ejo.

21. Ku vyerekeye imbibe duhana n’ibindi bihugu, Twarashinze umugwi ujejwe gusuzuma no gushinga uturimbi tugaragaza aho imipaka iduhuza n’Urwanda, Tanzaniya na Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo ica koko. Uwo mugwi ukorana n’intumwa za buri gihugu, bakaba uyu mwaka barakoze cane ku buryo bimirije gushikiriza icegeranyo gisozera ikivi ca mbere co kugendura izo mbibe dusangiye n’igihugu kimwe kimwe cose. Ugushinga uturimbi bizoca bikwirikira. Gushika ubu rero nta ngorane na ntoyi dufitaniye n’ibihugu bibanyi, zaba izifatiye ku mbibe canke ku bindi. Turashimishwa cane n’ukuntu abenegihugu baba hirya no hino y’urubibe babanye, n’ingene dutorera inyishu ibibazo iyo habaye agatotsi.

22. Ishusho Abarundi tuzokwipfuza guha igihugu cacu mu makungu ni yo kizoronka, bituvako, kandi nta nkeka, uravye uko abarundi bariko baritanga mu gukora neza. Uturorero twa hafi : Mu cegeranyo “Doing Business” c’Ibanki Nkuru y’isi yose, Uburundi buherutse gutera iyindi ntambwe mu guca imbere ibindi bihugu icumi n’indwi (17).

Tukaba tugira 140 ku bihugu 189 vyagiriwe amatohoza. Bubaye rero ubugira gatatu kuva mu 2010 tuguma dutera intambwe aho twavuye kw’187, none mwumve aho tugeze mu myaka itatu gusa mu bijanye no gutunganya ivyo kworohereza abashinga imitahe. Gushika ubu twagumanye ikibanza ciza co kuba mu bihugu icumi (10) kw’isi vyemera kandi vyitaho guhindura ibintu mu nzira nziza mu vyerekeye ubutunzi n’intwaro ibereye.

23. Ikigo OBR kijejwe gutoza amatagisi n’amakori naco nyene kiriko kiraha ishusho ryiza Uburundi. Uyu mwaka kikaba cinjije imiriyaridi 560 kitari bwigere gishikana kuva gishingwa mu 2009. Ku mwaka uheze kikaba cari cashikanye imiriyaridi 527, bisigura ko cadugijeko imiriyaridi 33.

24. Abandi bariko barambika umutamana mwiza igihugu ni ubutungane aho muri uyu mwaka bwikubise agashi mu gushira mu ngiro imanza zaciwe zishika 38.167 kuri 47.231, ni ukuvuga hafi ibice 81%. Kuburana ugatsinda ariko ntiwegukire ivyo watsindiye biri mu vyatuma abanyagihugu badatekana mu mitima naburya mu myaka iheze izaja mu ngiro zitarenga ibice 5%. Twizeye rero ko bazobandanya uko, habe imanza ziciwe neza kandi zishizwe mu ngiro neza.

25. Tuboneyeho akaryo ko gushimira abashingwamanza ba Leta ko nabo bakoranye ubwira uyu mwaka, bakitanga gushika aho batsinda imanza 167 ku 228, ni ukuvuga ibice birenga 70%. Si ko vyamye kuko mu myaka yaheze Leta yatsindishwa n’aboyikingiye.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi,

26. Mu bijanye n’intwaro ibereye mu vy’ubutunzi, na cane cane muri wa mugambi wo kutihanganira na gato abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Leta, turashima ibikorwa biriko birarangurwa. Uyu mwaka, guhimiriza abanyagihugu ngo barwane urwo rugamba no kudakubita urugohe vyatumye inzego zijejwe kurwanya ako karanda zigaruza kandi zinjiza amafranga y’amarundi yababa imiriyaridi zibiri n’igice .

Nayo Ubugenduzi Bukuru bw’Igihugu bukaba bwarakoze ivyegeranyo ntabanduka, bizotuma ama Sentare na OBR bishobora kugaruza no kwinjiza mu kigega ca Leta ayababa imiriyaridi zibiri n’imiriyoni amajana atatu (2.300.000.000).

27. Mu bijanye n’ubutunzi, turashima inama zose Uburundi bwateguye, bukagirisha cane cane abafasha Uburundi, kugira ivyemerewe igihugu cacu muri ya nama yagirirwa i Genève bije mu ngiro. Uyu mwaka hakaba hatunganijwe amanama mu kwezi kwa Mukakaro n’ukwa Gitugutu, maze bituma ubu duteye ku yashika hafi umuriyaridi n’igice w’amadorari y’abanyamerika. Ayo nayo akaba ari ibice 57% vy’ayemewe i Genève mu Buswise ngo atangwe gushika mu 2015. Ni intambwe ishimishije.

28. Kugira turwanye inzara ariyo mwansi wa mbere w’abarundi, Leta iguma na ntaryo yitwararitse kugwiza umwimbu w’ibifungurwa. Yaratanze umwavu w’ikizungu ungana hafi amatoni 20.000 ku miryango ishika 280.000, itako irabarihira ibice 40%, iratanga kandi inka za kijambere zababa 5.000, impene za kijambere zishika hafi 2.000, irafasha no gutegura ibibanza vyo kwororeramwo amafi bishika hafi 300.

29. Mu ntumbero yo kurinda ibitungwa n’ibiterwa indwara zitandukanye, twarakomeje ubushakashatsi turanatunganya amasekeza y’incanco zinyuranye. Abanyagihugu bakaba bararonkejwe ibiterwa birinda indwara, aha twovuga nk’imitsinda y’ibitoke irenga 1.000.000, imivyaro y’ibigazi irenga 200.000, ibikoti vy’imyumbati birenga imiriyoni 11, imbuto zirobanuye z’umuceri zishika itoni 47,5 ingemwe z’ivyamwa hafi 350.000 n’ibindi.

30. Mu bijanye n’ibiterwa njabukamazi n’ivyo mu mahinguriro, twararonse umwimbu urenga amatoni 36.500 y’ikawa idatonoye, amatoni arenga 9.000 y’icayi cumye n’amatoni arenga 900 y’ipampa. Leta ikaba iriko irakora ibishoboka vyose kugira ivyo biterwa bituzanira amafaranga y’agaciro bisubire guhurumbirwa n’abarundi.

31. Nayo ishirahamwe rihingura kandi rikadandaza isukari SOSUMO, ryimbuye amatoni yababa 26.000, umwimbu ritari bwigere rironka kuva ribaho. Ni akarorero keza ku yandi mashirahamwe n’amahinguriro yacu. Umuyobozi w’iryo hinguriro akaba aherutse kuronka agashimwe kuko yabaye uwa mbere mu bayobozi beza b’amahinguriro bo muri afrika. Turamukeje na we nyene kuri iryo teka aherutse gutera uburundi mu makungu.

32. Ariko twomenya ko tudakingiye ibidukikije ata mwimbu ukwiye tuzoronka, inzara izodutera tubure ivyo dufungura, tubure akayaga keza n’amagara meza. Ni co gituma Leta yama yitwararika gukinga ingorane zova kw’ihindagurika ry’ibihe, igateza ibiti ku misozi ihanamye n’aho hose hakiri ikibanza.

Ibiti birenga 3.550.000 bikaba vyaratewe mu ntara za Bururi, Rutana na Karusi, kandi uwo mugambi ukaba ubandanya, ukaba kandi uraba ingo zose ku buryo mu mwaka uza hategekanijwe guterwa ibirenga 4.000.000. Mu kurwanya inkukura no gukingira imisozi ihanamye, haraciwe imikobeko y’uburebure bw’ibirometero vyababa 600.

33. Tube turabibutsa ko mu mwaka uza hazotunganywa inama rukokoma y’uburimyi n’ubworozi kugira dutore inyishu irama mu kurwanya inzara, na burya na ba bafundi b’indimo bo ku mitumba ahenshi ataco bariko barungura abarimyi-borozi.

34. Mu gisata c’indero, hatanguwe ishure shingiro ritanga inyigisho zisunze ibihe tugezemwo, zigisha no kwitegurira imigambi ivamwo ubuzi.

35. Mu kwitegurira iryo shure, abanyagihugu babandanije bubaka amashure, amasomero arenga 2600 akaba yarakiriye abanyeshure 135.594 bo mu mwaka w’indwi w’ishure shingiro mu mashure ya Leta n’ay’abigenga. Tukaba twagiye turatorera inyishu ibibazo vyibonekeje na burya umuhini mushasha utera amabavu.

36. Tubandanya kandi kugwiza amashure y’imyuga, kuko biboneka ko asigaye ahurumbirwa n’abanyeshure benshi, kubera akamaro kayo kibonekeza mu bihe vya none. Hakaba haruguruwe amashure 6, abigisha nabo bararonka inyigisho zijanye n’imyuga.

37. Abigisha 2.832 bo mu mashure yisumbuye n’ 1.495 bo mu mashure y’intango bararonse akazi. Mu mwaka buca dutangura w’2014, hazoronswa akazi 2.000.

38. Mu bijanye n’inyigisho za kaminuza, naho nyene intonde n’ibiri mu vyigwa biriko birasubirwamwo, kugira abanyeshure baronke inyigisho z’akanovera n’impapuro z’umutsindo zijanye n’igihe tugezemwo nkuko bigenda mu karere turimwo no mu bindi bihugu. Umugwi washinzwe ico gikorwa ukaba uri ku kivi.

39. Mu bijanye n’amagara y’abantu, Leta yarabandanije wa mugambi wo kurihira kwa muganga abana bari munsi y’imyaka 5 n’abakenyezi bibungenze canke bibarukira mu bitaro canke mu mavuriro ya Leta, uwo mugambi kandi ukazobandanya. Ku yindi migwi y’abanyagihugu naho, hariko haratangwa agakarata ko gufashanya ko kwivurizako (CAM) ku mafaranga 3.000 ku mwaka, tukaba tugiye guhinyanyura ibikerekeye kugira gakore koko ico kagenewe naburya hakiri abanyagihugu bakagura ari uko barwaye.

40. Umugambi wo gukinga indwara urabandanya. Imisegetera yaratanzwe n’abana bararonse incanco zitegekanijwe. Twosaba abarundi ko borwanya igihuha kivuga ngo hari inshinge ziriko ziraterwa abana b’abahungu n’abigeme zibabuza kurondoka. Muritabe nyabuna incanco zose babahamagarira, kuko ziri mu mugambi wa Leta wo gukingira abanyagihugu, na cane cane abana, gutyo bagire amagara meza.

41. Leta yarubatse ibitaro vy’akarorero vy’i Karusi, irânagura ibitaro vy’i Gihofi, iraheraheza n’amavuriro atari make.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi,

42. Kugira ubutare bwacu buronke isoko mu makungu kandi buzogirire akamaro igihugu, twarasubiyemwo itegeko rigenga ubutare, leta ikaba iriko iritunganya mu bindi bisabwa n’amategeko mpuzamakungu yo mu karere turimwo no mu bindi bihugu, kugira bushobore kuronka isoko mu makungu ata nkomanzi.

43. Duherutse kandi gutanga uruhusha rwo gutangura kwimba ubutare bwa Nickel kuri Waga na Nyabikere, nayo Nickel y’i Musongati tukaba tukiriko turumvikana amasezerano n’ishirahamwe rizoza kubikora.

44. Ibi biraduha icizere ko vuba tugiye kuronka amikoro mazima, maze wa mugambi wo kugabanya ubusumbasumbane bw’imishahara ukaja mu ngiro kurusha uko biri.

Nkako, naho tutararonka uburyo bukwiye, Leta yarakubise inzu ibipfunsi ku buryo kuva uyu mwaka dusozereye yahevye amakori ku mishahara y’abakozi batarenza amafaranga 150.000 ku kwezi, ayo nayo akaba yahora yinjiza imiriyaridi 26 ku mwaka. Twaramiriye amate rero abatari bake, agashahara kabo gasa n’akadugijwe.

45. Nayo mu bijanye n’umuyagankuba, Leta, yikoze ku buryo buke bwayo, yaratanguye gukora ibikorwa vy’intangamarara mu bijanye no kwubaka ingomero ku nzuzi Mpanda, Jiji na Murembwe. Ku biraba urugomero rwo ku ruzi Kaburantwa narwo, Leta yafashijwe n’Ibanki Exim yo mu Buhindi. Igihugu c’ubushinwa naco kikaba caratanguye ivyigwa vyo kwubaka urugomero ku ruzi Ruzibazi.

46. Ibanki y’isi yose nayo yahaye Uburundi ingabire y’imiliyoni 113 z’amafaranga y’abanyamerika ngo bwifatanye n’ibihugu bibanyi mu kwubaka urugomero rw’umuyagankuba kuri Rusumo-Falls.

Biragaragara rero ko ikibazo c’umuyagankuba udakwiye kigiye gutorerwa inyishu mu myaka mike iri imbere.

47. Mu kurindira, Leta yabaye irikora ku muyagankuba dusanganywe, yongereza n’uwutangwa n’imoteri zikomeye zikoresha ibitoro vyatumye gucagakurika kw’amatara bigabanuka cane mu gisagara ca Bujumbura.

48. Mu bijanye n’amabarabara, ibarabara ryahora ryitwa « Yaranda » ryarasubiwemwo, ibikorwa vyo gusiga ikaburimbi igice ca mbere c’ibararabara rihuza Gitega na Ngozi vyararangiye, ubu hakaba hariko hakorwa igice ca kabiri kiva i Nyangungu kigashika i Gitega (50km).

49. Harabaye n’igikorwa co guha amazina, amanimero n’ibindi bimenyetso vyo kuranga amabarabara, impangu n’amazu mu bisagara vya Bujumbura, Gitega na Ngozi, kandi bikaba bigeze ku rugero rushimishije.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi,

50. Ni vyo, Leta yarakoze ibitari bike kandi bishimishije, ariko ntiyashoboye gushika ku rugero yari yipfuza, kubera hari bimwe bisaba uburyo bwinshi idafise, hakaba n’abakozi bamwe bamwe bagikwega amaguru mu kurangura ivyo bajejwe, abandi nabo bakanyuruza uburyo mu gihe hari n’ubudashika mu kigega kubera urudandazwa rwo mu kinyegero.

51. Ingorane mu gihugu ntizihera naho twahagurukiye kuzigwanya, izicibonekeza nazo ni nk’izi zikurukira :

Ubwa 1 : Harabonetse amasanganya menshi avuye ku gutwara nabi imiduga, amapikipiki n’amakinga hamwe no kutarikanura bikwiye kw’abapolisi bamwe bamwe.

Ubwa 2 : Isoko nkuru ya Bujumbura n’amwe muri mato mato yo hagati mu gihugu yarahiye asiga iheruheru abayakoreramwo, bituma n’ikigega ca Leta kihahombera. Isoko mfatakibanza yo mu gisagara ca Bujumbura ikaba nayo itaraherahezwa neza.

Ubwa 3 : Harabonetse itituka ry’indero mu mashure aho uyu mwaka abanyeshure b’abigeme batwaye inda z’indaro bashika 4760. Ibi bikaza vyiyongera ku ngeso yo kudandaza abantu, cane cane abana b’abigeme babajana mu buhumbu, tutibagiye n’ingeso mbi yo gufata abagore n’abakobwa ku nguvu.

Ubwa 4 : Haracariho ibihuha bijanye n’ibikorwa vy’iterabwoba, hakaba n’abamaze gufatwa bashaka kwifatanya n’aba shabab bipfuza gutoba umutekano mu Burundi.

Ubwa gatanu : Hari abarundi bahungutse tutarashobora gusubiza mu vyabo canke kuronkera amatongo mu gihe mu bahungiye mu ma site hari ababuza benewabo kwisubirira ku mitumba bavuyeko.

Ubwa 6 : Hamwe hamwe, harabaye urubura, imvura n’umuyaga w’igihuhusi, imyuzure y’amazi vyasambuye uburaro vyonona n’indimo, bisiga abanyagihugu bamwe bamwe mu kangaratete, ahanini biturutse ku kwanjajwa ku bidukikije.

Ubw’7 : Hari n’abanyagihugu bacicana kubera ibintazi no kwagirizanya uburozi.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi,

52. Mu mwaka dutanguye w’2014 tuzokwitaho gukosora utunenge twagiye turabona muri uyu mwaka dusozereye.

53. Vuba, abashikiranganji bagiye kubashikiriza imigambi mu gisata kimwe kimwe cose. Ico twoba turababwira, ni uko tuzokora ku buryo amahoro n’umutekano birama mu gihugu, tukizera ko bizosasirirwa n’itorwa ry’ibwirizwa rizogenga wa mugwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira.

54. Turateye akamo abanyagihugu ngo bagume bafatanye mu nda, babumbatire amahoro n’umutekano, bitabire ibikorwa biteza imbere imiryango yabo hamwe n’ivy’iterambere rusangi, bime amatwi ababasamaza babahamagarira mu mabarabara.

55. Bame bibuka kandi kugabanya imvyaro, bavyare abo bo n’igihugu bashobora kurera kandi bakaramura.

56. Twitabe inyigisho zo gukundisha igihugu, tugarukire akaranga kacu n’imico myiza vyamye biranga abarundi, kuko arivyo vyamye bisasagaza amahoro, urukundo, umutekano n’umubano mwiza mu bavukagihugu.

57. Mu gusozera, twagira dusubire gusaba abanyepolitike kwitonda, kudashusha imitwe abanyagihugu no kudartyozanya. Nimukwirikize amategeko mu myiteguro ya politike murimwo, amatora tumaze kwitegurira kandi akagenda neza si make. Twitegure rero neza, amatora twimirije aze agende neza gusumba ayo tumaze gutegura yose. Ni ho tuzoba tweretse abandi ico turi n’ico tumaze.

58. Turashimiye Abarundi baba mu bindi bihugu ku kuntu basigaye bagendera cane Igihugu cabibarutse n’ingene bitanga mu gushigikira ibikorwa vy’iterambere. Turabashigikiye kuri uwo mutima mwiza bereka benewabo b’abarundi.

59. Ntitworangiza tudashimiye abo bose cane cane abafasha Uburundi bitanze batiziganya mu guterera agacumu k’ubumwe mw’irangurwa ry’imigambi y’igihugu twari twateguye muri uyu mwaka dusozereye. Tubasavye ngo babandanye ico gikorwa ciza.

60. Turasubiriye rero kwipfuriza abarundi n’ababa mu Burundi mwese umwaka mushasha w’2014, uze ubabere umwaka w’ubuhizi n’ubutwari, umwaka w’ibikorwa vyiza vyiza vyinshi vy’iterambere. Muze muwuronkemwo ivyiza mwipfuza n’ivyo mwipfuriza igihugu cacu. Vyongeye tuwuronkemwo ubwenge, ubushishozi n’ubukerebutsi biva ku Mana Rugiravyose. Nidushigikire rero" Iterambere n’amahoro birama bishingiye ku kumenya ukuri, gusubiza hamwe no guhariranira kw’abarundi".

Umwaka mwiza mwese, Imana ibahezagire.


Aristide Nizigire

Messages

  • BIRANTANGAJE CANE KUBONA PEREZIDA ASHIKIRIZA IJAMBO NKIRYO MUBIHE TURIMWO NKABARIMU ABONA ICOBANEZA ARIGIKI?IL FAUT QUE ATANGURIRA ABANDI AGATUBIKA UMUKANDA.AMASENGESHO TWAYAHINVYE DUKENEY INGIRO.

  • Turashimye ijamboryumukuru wigihugu cacu, kuruwo muvukanyi yitwa Kabiriti nukwihangana kuvakera umukuruwigihugu yaravugijambo kandihariho abashonje, abarwariye mubitaro, abafunzwe, abafise imishahara minini nabahembwa inticantikize nabataronka na zero. Ivyororo nomurikazoza nikobizokwama nomugihe Nkurunziza azoba atakiri perezida ivyorero bidufasha kwibuka ko turi mw’Isi

  • NTAKUNDI MAMA TIBIHE IMANA URUNVA NTAHO TUVA NTAHO TUJA WIBUKEKO JAPON YATEYE IMBERE MU MWAKA ITARENZE 10 IYO HABA UBURONGOZI BWIZA NTABUKENE BWOVURWA.SIVYO GUSA MUGATEKA KAMUNTU ABIVUGAKO MAKE NIBA AFISE ICO AKUMARIY NTICOKUBUZA KUVUGA UKURI NAJE NAHO NVUGA UKO SISHONJ KANDI IMANA YAMPEZAGIRIYE MUNTWARO YIWE ARIKO NTIKIBUZA KO NVUGA UKURI (AHARI IBITURIRE NAKAJAGARI NABATAMUSHIMA MARAMUTORANA AKAJISHO)

  • Ewe kabiriti uvuze ukuri, ndibuka kuri buyoya abarimu hamwe n’abandi bakozi ba reta yaraduhaye 13e mois. ariko yemwe, ubu twaribagiye. iryo jambo ntagishasha kirimwo, Imana niyo izodukurako iyinzara, ntakindi. erega kandi Imana ntihezagira abayibesha, oyaaaaaaaaaaaaa raba kuja mu gikorane baherutse kwambika ibara umuntu nka bamvuginyumvira, ubusuma bw’imfashanyo zitangwa, nibindi

  • Nivyo Uvuga Urakwiyekurekura Igihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.