IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Leta zunzubumwe z’Amerika zirakeza ibikorwa vy’abasirikare b’abarundi muri (...)

Leta zunzubumwe z’Amerika zirakeza ibikorwa vy’abasirikare b’abarundi muri Somaliya

jeudi 1er Myandagaro 2013

Mu mubonano umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yahaye kuri uyu wa kane, Général David Rodriguez, umukuru wa AFRICOM (The United States Africa Command), aherekejwe na Dawn Liberi, aserukira igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi bagarutse ku gufashanya muvya gisirikare hagati y’Uburundi na Leta zunze ubumwe za Amerika, hamwe n’ibikorwa vy’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu kugarukana amahoro muri Somaliya.

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe yamenyesheje inyuma y’uwo mubonano ko igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika gishima utwigoro tw’abasirikare b’abarundi barungikwa guhagararira amahoro muri Somaliya n’ahandi mu bindi bihugu. Kubw’ivyo, Leta zunze ubumwe za Amerika ziteguriye kwagura ugufasha muvya gisirikare.

Général Rodriguez yamenyesheje ko ukwitanga Uburundi bwerekanye kuva mu ntango z’ibikorwa vya Amissom kwatumye haboneka amahoro mu bice vyari vyigaruriwe n’abarwanyi hari haheze imyaka itari mike, nka Mogadiscio n’ahandi.

Mu gihe kandi Uburundi ari igihugu ca kabiri kirungika abasirikare benshi muri Somaliya, Général Rodriguez yaboneyeho n’akaryo ko gukeza ubutwari bw’abasirikare b’abarundi bakoze batitanga gushika aho bamwe muribo basiga ubuzima bwabo ku rubuga rw’intambara.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.