IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Liberat Ntibashirakandi aratabaza abahagarariye amasezerano y’ i (...)

Liberat Ntibashirakandi aratabaza abahagarariye amasezerano y’ i Arusha

lundi 27 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Igihugu ca Afrika y’Epfo kirakwiye gufata iya mbere, kuraba uko ibintu vyotorerwa inyishu hano mu Burundi , ibintu bitarayangara, na cane cane ko cari umuhuza mu matati yaranze abarundi, bishikirizwa na Liberat Ntibashirakandi umwigisha muri za kaminuza.

Muri iryo tangazo, Liberat Ntibashirakandi aragaruka ku mpanuro zagiye zitangwa n’impande zitandukanye yaba abarundi n’abanyamahanga ,amashirahamwe mpuzamakungu n’abandi aho basaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kutitoza ubugira gatatu, arongera akerekana inkurikizi zigiye gukurikira kubera uko kwitoza kwa Petero Nkurunziza.

Ati biratangaje cane kubona barirengagije impanuro zose zagiye zitangwa. Umwigisha muri za kaminuza Liberat Ntibashirakandi avuga ko abanyagihugu b’Uburundi bafise uburenganzira, bwo gusaba iyubahiririzwa ry’amabwirizwa agenga igihugu. Abanyeporitike bo mu migambwe itavuga rumwe na Reta, bamaze kuvuga ko ari ihirikwa ry’ubutegetsi aho bamaze guhamagarira abarundi kuja mu mabarabara, ataco bononye , kandi batarinze gusotora abajejwe umutekano.

Ubwitonzi ntangere busaba ko abahagarariye amasezerano y’i Arusha hamwe n’abateye ko igikumu guhura vyihutirwa , kugira barabe icokorwa mu kuva muri aka kajagari katari gakenewe nk’uko uwo mwigisha muri kaminuza abivuga. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Tanzaniya ,Ouganda, Afrika y’Epfo , Reta zunzubumwe z’Amerika , Ubumwe bw’Afrika, Ubumwe bwa Buraya bategerezwa kugira ico bakoze. Igihugu ca Afrika y’Epfo kikaba ari co categerezwa gufata iya mbere na bugingo ari co gihugu cari ubuhuza mu matati yaranze abarundi muri kahise aho n’umugambwe ANC usanzwe ufise ubucuti n’umugambwe CNDD-FDD.


Floxella Karire

Messages

  • Birbabje Aho Tugir Duhembw Amraso Mugihugu Cacu,ndasavy Uwo Mupresident Asokor Hakiri Kare.

  • Birbabje Aho Tugir Duhembw Amraso Mugihugu Cacu,ndasavy Uwo Mupresident Asokor Hakiri Kare.

  • Yemwe yemwe mbega karaciye ingani umu president ahekure uburundi izuba riva ejo bundi yariko avuga ko yafashe umuheto arwanya intwaro y’abatutsi yari yaracinyije abahutu none ubu niwe acinyije abahutu gusumba ivyo abatutsi bakoze akamaramaza.

    Kwugara RPA nukugira ngo asasike inganda atacamira amaraso yasesetse kuva ejo aze amuhumire

  • AAHAAAAAAA NIBABONE ABA KWIRIKIRA NKURUNZIZA NGO NU MUSENZI.

  • Liberat uvuze neza ko uhamagaye abashingantahe boza kutanga bangwe.
    Mugabo iryo jambo uvuze riserutse riteba.
    Ca sera une tres bonne occasion ou Peter Nkurunziza azokwisigura akavuga igituma akeneye kuja aux commandes 2015-2020.
    Abo bagumura abarundi bato bato nabo nibitegure baze bashikirize igituma barwanya Peter Nkurunziza pour 2015-2020.
    Nkuko wabivuze turavye nabaja kwiyereka mumabarabara iyo myiyerekano ntiyarikenewe.Kanatsinda abo batumwa kwiyereka ntibaba bazwi qu ils sont assez sages pour ne pas lancer les pierres aho bishakira..Amasanamu yavyerekanye.hariko hakorwa ubusa ibiganiro birakenewe.Arusha 2 niyo yo
    Nawe Liberat aho biri iyo uba uri President Peter ntiwokwemera gutanga ubutegetsi ukuri kutamenewe kuntoke kumwe kwinda.Mbega yoba yagiye mwishamba pendant 10 ans kubera iki?Na opposition ntiyamworohereje.Imagine kuja kuzura imibiribiri yabakene iknikirwa mu bitara ou ikahurudukurira muri Rusizi ngo ni Gouvernement ya Peter iriko yica abarundi..Abantu baricwa ngo ni Peter kandi bene bo baba bazi abishe abaribo.Abandi bariyubakira inzu zirengeje agaciro budget ya leta ngo babantu bava ishamba ngo bamaze itunga ryigihugu ..ngejeje aho
    None wewe uzi neza ko amategeko yakozwe en 2000-2003 atarongorotse woca uja ngaho ugatanga ubutegetsi bwogufashije kwisigura ukikura iceyi?
    ARUSHAII ni occasion yokwikura iceyi ijambo wariguyeko
    Ego mama ngo falcon yagurishijwe ngo bayiriye ko igiturire...Mbega ko Utigeze usaba expertise de l avion...Ababizi bavuga ko le prix de vente yari yo ko en plus bazimvye uwayiguze.Ngo baraguze indege ngo none ntirashika ngo yaranyurujwe..Indege iragurwa .Si imodoka ica inyonrwa uratahuza.Rero mukuja mwishamba amatwi ansumira kwari kurongorora imitwe y abarundi kugira batane nagasuzuguro ,egoisme ivuye kumoko eka nutundi ntarinze gusubiramwo.Wariguyeko raba ingene muhamagara abashingantahe baze guhanura batange bangwe.Iyo myiyerekano ni hagarare kabisa nakare
    Obama yarayanse .Didier wa mubirigi yarayiyamirije.Abo baomorera abarundi mwibarabara kwa bure ntibaturiye bihangane ibizova mu biganiro.Uwubitumako ni uwubangamiwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.