Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ligue Iteka ihamagarira abategetsi guhana ivyaha vy’ihohoterwa rya kiremwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ligue Iteka ihamagarira abategetsi guhana ivyaha vy’ihohoterwa rya kiremwa (...)

Ligue Iteka ihamagarira abategetsi guhana ivyaha vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu

vendredi 23 Myandagaro 2013

Agateka ka zina muntu mu Burundi karahungabanye mu gice ca mbere c’umwaka w’2013 bitumwe n’umutekano muke watewe n’imirwi yitwaje ibirwanisho, ukutabona kumwe ibiriko bibera mu gihugu bamwe bakavyita vyiza mu gihe abandi babinegura. Nk’uko tubikura mu cegeranyo c’umuhari “Ligue Iteka”, Leta yorwiza ibikorwa bijanye no kurwanya n’ugukinga ihohoterwa rya kiremwa muntu.

Umukuru w’umuhari "Ligue Iteka", Joseph Ndayizeye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru yashize ahabona icegeranyo c’ukungene agateka ka zina muntu kifashe mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka w’2013. Mu gisata c’umutekano, hagiye haraboneka ubusuma bw’abantu bitwaje ibirwanisho, basa n’ababa biteguye, rimwe na rimwe hakagira umurwi uvyiyitirira, ahandi naho bikitirirwa abagizi ba nabi. Muri mwene ivyo bitero, abantu bahasize ubuzima ni ijana na mirongo umunani n’umwe (181) mu ntara cumi zagizweko amatohoza. Abakomeretse baharurwa mu majana atatu n’umwe (301). Umutekano warahungabanye kandi aho abiyita abayoboke ba Zebiya barenga itegeko bari bahawe baja gusengera mu kibanza c’i Businde, igipolisi gica kirabarasa, cumi muribo baritaba Imana, abagera kuri mirongo ine barakomereka.

JPEG - 38.5 ko
Joseph Ndayizeye, umukuru w’umuhari "Ligue ITEKA"

Mu buzima bwa politike, harabonetse ukutumvikana hagati y’abanyamigambwe, aho abatavuga rumwe na Leta bagiriza inzego z’ubutegetsi bwo hasi ko zitabemerera gukoranya abanywanyi babo. Rimwe na rimwe abatavuga rumwe na Leta bagiriza imbonerakure ko zihohotera abari mu mugambwe uri ku butegetsi.

Ukutabona kumwe ibibazo bihanze ubuzima bw’abanyagihugu nakwo nyene kwatumye agateka kazina muntu guhungabana. aho twobaha nk’akarorero k’ibikorwa vy’umurwi CNTB bamwe bavuga ko "uriko ucanishamwo abasangwa n’abahungutse", abandi bakavuga ko "CNTB iriko ikora ibikora inka"

Isanganya ry’isoko ya Bujumbura yahiye kuwa 27 Nzero 2013 yaje yunyura ubutunzi bw’igihugu butari bwifashe neza, ubukene nabwo buca bwirara mu banyagihugu. Ingaruka nazo n’uko hari amikoro y’abarundi yaciye aba make, ubuzima burazimba.

Ubutegetsi bwaragerageje gutunganya ibikorwa vy’iterambere mu kwubaka amashure ku bwinshi, ariko mu gisata c’indero, abigisha bagumye ari bake, ivyo navyo bigasubiza inyuma akanovera k’inyigosho muri rusangi.

Joseph Ndayizeye, umukuru w’umuhari "Ligue Iteka" asaba abategetsi kurwanya ukudahana ivyaha kuko arivyo bisasira indava ihohoterwa rya kiremwa muntu. Abari mu migambwe waba uwuri ku butegetsi canke iyitavuga rumwe na Leta, abasaba kuha inyigisho abanywanyi babo, cane cane urwaruka, bamenyere kwihanganirana, bokorere hamwe ku neza y’igihugu mu budasa bwabo


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.