Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ligue ITEKA usaba CENI gukosora utunenge twibonekeje ku ntonde z’abagize (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ligue ITEKA usaba CENI gukosora utunenge twibonekeje ku ntonde z’abagize (...)

Ligue ITEKA usaba CENI gukosora utunenge twibonekeje ku ntonde z’abagize CEPI

jeudi 9 Gitugutu 2014

Umuhari Ligue ITEKA usaba umurwi CENI gukosora tumwe mu tunenge twibonekeza mu bazorongora imirwi y’amatora mu ntara.

Ku bwa , Anschaire Nikoyagize, umunyamabanga mukuru wa Ligue ITEKA, avuga ko kubona hari abacamanza bagera kw’icenda baherutse gushirwa ku rutonde rwabo bazocungera amatora kandi batanzwe n’umugambwe CNDD FDD , vyerekana ko ubutungane mu Burundi bukironderwa. Umukuru wa Ligue ITEKA agasaba nyabuna ko umurwi ujejwe amatora mu Burundi wokosora aho hose hibonekeje ubunenge kugira amatora yo muri uyu mwaka uza w’2015 aze agende neza.

Mukamenya ko imigambwe itandukanye yemeza ko abatanzwe kugira baze baserukire umurwi CENI mu ntara benshi ari aba CNDD FDD canke incuti z’uwo mugambwe. Imwe muri iyo migambwe ikaba ari iyihurikiye mu runani rutavuga rumwe na Reta yo muri ADC Ikibiri. Abandi n’ubu bagitakamba ko izo ntonde zohinyanyurwa nabo bagashikirwa, akaba ari abiswe abakinyi ba poritike.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.