Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lion Story bariteguriye Buja Summer Fest - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Lion Story bariteguriye Buja Summer Fest

Lion Story bariteguriye Buja Summer Fest

mercredi 7 Myandagaro 2013

Isabukuru y’umuziki yitwa Buja Summer Fest ireteguriwe neza n’abaririmvyi b’umurwi wa Lion Story mu gihe babariye ikinyamakuru IGIHE ko bamaze indwi yose bakora imyimenyerezo ku buryo bazonezereza abakunzi babo.

Abo baririmvyi rero bavuga ko bumva bazokoresha cane indirimbo nshasha ziri mu rukurikirane rwa Revolution Time, ku kibuga ca Lycée Nyakabiga kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Myandagaro uyu mwaka. Abo bariririmvyi ba Lion Story bakaba babivuze muri aya majambo bati: “ Twaramaze gushira uru rukurikirane ku mugaragaro ariko tubona bidahagije,kugirango abantu bamenye kandi batahure ubutumwa burimwo, iyi sabukuru ni umwanya mwiza wo kwongera guteramira no kuririmbira abanyagihugu bakumva neza ubutumwa bugize izo ndirimbo, buri mu mudiho wa reggae.

Abazitaba iyo sabukuru rero basabwa kuzumviriza cane ubutumwa buzotangwa. Ubutumwa butangwa n’aba Lion Story ngo ni ubuhindura abantu mu buryo bwiza biciye mu ndirimbo. Iyo sabukuru izohuza abaririmvyi benshi bavuye hirya no hino muri Afrika y’Ubuseruko.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.