Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Londres: Abayobozi b’ikigo OBR mu nama y’ukwerekana aho bagejeje (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Londres: Abayobozi b’ikigo OBR mu nama y’ukwerekana aho bagejeje (...)

Londres: Abayobozi b’ikigo OBR mu nama y’ukwerekana aho bagejeje ibikorwa

mardi 15 Gitugutu 2013

Igisata c’ubushakashatsi muri Afrika (Afrika Research institute ARI) kimenyesha ko cakiriye ikigo c’ukwegeranya amakori ya Leta y’Uburundi OBR, mu nama yahariwe amatagisi muri Afrika ibera mu gisagara ca Londres, mu gihugu c’Ubwongereza.

Muri iyo nama itangura kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 15 Gitugutu uyu mwaka, haza kwerekanwa n’igisata c’ubushakashatsi c’Afrika ARI, kiza gusigura igitabu c’ukumenyesha abanyagihugu na Leta, akamaro ko gutanga ikori, categuwe n’abaserukiye Uburundi muri iyo nama.

Iyo nama yitabwe n’abaserukira ibihugu vyabo, abashingamateka, abakenguzamateka, abaserukira abasanzwe bafasha Uburundi, abahinga mu bisata vy’amakori n’ubutunzi n’abamenyeshamakuru, baza gushikirizwa ivyaranguwe n’igisata c’ukwegeranya amakori ya Leta mu Burundi, muri iyi myaka itatu ico gisata kimaze kibayeho. Ivyo navyo bikaza gushikirizwa n’abategetsi batatu, baserukiye ico gisata aribo Kieran Holmes umuyobozi mukuru wa OBR, Domisiyano Ndihokubwayo icegera c’umuyobozi mukuru wo mu gista c’amaduwane na Chantal Ruvakubusa umuyobozi w’igisata c’ukwegeranya amatagisi.

Ku bwa Eduard Paise umuyobozi w’igisata c’ubushakashatsi muri Afrika, amenyesha ko banezerewe cane kwakira ikigo c’ukwegeranya amakori ya Leta co mu gihugu c’Uburundi. Twobamenyesha ko muri iyo nama abaserukiye Uburundi, bazakuronka akanya ko gusigura ingorane ico gisata ca OBR gihura nazo.

Ariko rero kuva mu mwaka w’2009 gushika mu mwaka w’2012, igisata ca OBR, kikaba carashoboye kwinjiriza igihugu amakori ari hejuru y’ibice 75 kw’ijana ni ukuvuga ko yadugije ibice 25 kw’ijana vy’ikori ryatanzwe mu mwaka w’2009.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.