Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lopez n’uwo bari bubakanye ntibahuriza ku masanamu yabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Lopez n’uwo bari bubakanye ntibahuriza ku masanamu yabo

Lopez n’uwo bari bubakanye ntibahuriza ku masanamu yabo

mardi 18 Ruheshi 2013

Jennifer Lopez yahoze ari umukenyezi wa Ojani n’ubu baracafitaniye ingorane inyuma y imyaka 15 bamaze batandukanye, kuko aho bagiriye urubanza rw’ubugeni bamaranye ikiringo c’umwaka umwe baca baratandukana gushika ubu abo bose baracafise vyinshi batumvikanako ari naco gituma bituye ubutungane.

Ubu ico bariko baraburana n’íbijanye n’amasanamu (amashusho) abonekamwo abo bose mu gihe bariko baranezerwa inyuma y’urubanza rwabo rw’ubugeni, aho bari baroye gutembera mu kwezi kwa mbere kw’ybugeni bwabo. Ku ruhande rwa Lopez n’abamuburanira, basaba ko ayo masanamu boyashira hanze y’ireresi hanyuma bakayagurisha, ariko ntaburenganzira barabironkera mu bucamanza, ubu rero abacamanza bakaba bafashe ingingo y’ukuzibikamw’isandugu.

vyari vyavuzwe ko iki kibazo carangiye ariko uwuhagarariye Ojani muri sentare we avuga ko batigeze bavyumvikanako. Ivyo rero ababuranira Lopez nabo bavuga ko atagaciro bifise. Abahagarariye Lopez bakaba kugeza ubu bataragira ico babivuzeko, ubu urubanza rukaba rwashizwe kw’ígenekerezo rya 10 Nyakanga 2013 kugirango impande zose zizogire ico zihurizako, mu nyuma sentare ifate ingingo.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.