Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mabanda : Umunani bava muri CNDD-FDD bagirizwa gufata ingingo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Mabanda : Umunani bava muri CNDD-FDD bagirizwa gufata ingingo (...)

Mabanda : Umunani bava muri CNDD-FDD bagirizwa gufata ingingo bonyene

jeudi 3 Gitugutu 2013

Amezi atandatu ararangiye inama mpanuzwajambo ya komine Mabanda idashobora gukorana ngo yige ibibazo vyerekeye iyo komine. Ivyo rero bikaba vyavanye n’umunani bari mu nama mpanuzwajambo ya komine bava mu mugambwe CNDD-FDD, bafashe ingingo ko amatagisi yo mw’isoko ya Mabanda yoza aratozwa na komine, abandi bagize iyo nama mpanuzwajambo bava mu yindi migambwe batagishijwe inama.

Umwe mu bagize iyo nama mpanuzwajambo ya komine akaba yabariye radio Isanganiro ko ibikorwa vy’iyo nama mpanuzwajambo ya komine Mabanda, bidinndijwe na musitanteri wa komine, afatikanije n’uwurongoye iyo nama mpanuzwajambo. Muri iki gihe rero, abo umunani bava mu mugambwe CNDD-FDD, bakaba atabubasha bafise kugira bemeze imwe mu migambi y’iterambere iraba iyo komine. Abo indwi rero, bakaba basaba ko ingingo yafashwe n’abagize inama mpanuzwajambo ya komine bava muri CNDD-FDD, ko boyihagarika, kugira ibikorwa bishobore kubandanya.

Abo bava mu yindi migambwe bakaba banegura uburyo amafaranga atozwa muri iyo soko akoreshwa, kuko bavuga ko harimwo amahinyu. Muri iyo soko rero ku kwezi ku kwezi ikaba yinjiza imiriyoni zigera kuri zitandatu, ariko muri iyi minsi, musitanteri wa komine, akaba yamenyesheje ko mu kigega ca komine bafise ibihumbi 742 mu mezi atatu yose , bakavuga ko ukwo kwonona amatungo ya komine bibabaje cane.

Umurwi wari ujejwe kwegeranya amatagisi yo muri iyo soko ya Mabanda, ukaba wahagaritswe wagirizwa ko utunganya nabi ibikorwa vy’ukwegeranya ayo matagisi haraheze amezi atandatu, ivyo navyo bikaba binegurwa n’abo indwi basanzwe bava mu yindi migambwe igize inama mpanuzwajambo ya komine Mabanda.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.