Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Madagascar : Marc Ravalomanana yashizwe ahacungerewe, ntiyahagaritswe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Madagascar : Marc Ravalomanana yashizwe ahacungerewe, ntiyahagaritswe

Madagascar : Marc Ravalomanana yashizwe ahacungerewe, ntiyahagaritswe

mardi 14 Gitugutu 2014

Uwahoze ari umukur w’igihugu ca Madagascar Marc Ravalomanana yaratahutse mu gihugu c’iwe inyuma y’imyaka irenga itanu ari mu buhungiro, ahejeje gutembagazwa ku butegetsi. Yashitse atawuvyiteze aho avuka, hagati mu gisagara i Antananarivo. Yararonse akanya ko guhura n’abanywanyi b’iwe hamwe n’abamenyeshamakuru imbere yo guhagarikwa.

Nk’uko abanywanyi b’iwe babimenyesha, Marc Ravalomanana yashizwe ahantu acunzwe, ariko mw’ijambo ryavuzwe ejo ku muhingamo n’umukuru w’igihu ca Madagascar, Hery Rajaonarimampianina, yemeza ko atahagaristwe canke afungwe ariko yashizwe mu kibanza umutekano w’iwe ucungererwa neza (mis en sécurité).

Naho yavuze uko, bamufashe hakoreshejwe inguvu kuko abasirikare bashwiragije abanywanyi ba Marc Ravalomanana bakoresheje ivyuka bikoroza amosozi (gaz lacrymogène),imbere yaho yaba, babomora urugi bakoresheje amasasu, imbere yokwinjira bambaye ibibahisha mumaso (cagouls), hama baramufata.

Umukuru w’igihugu ca Madagascar, Hery Rajaonarimampianina avuga ko ukugaruka kwa Marc Ravalomanana yahoze ari umukuru w’igihugu, ari uguhusha inzira (un dérapage) kandi ko ijambo yashikirije agarutse ariry’agasotoro (de la provocation). Marc Ravalomanana akaba yavuze ko yaje adafise igitabo cinzira, yaje wenyene kandi ko atemera vy’ukuri ishirwa ku butegetsi rya Rajaonarimampianina arongoye Madagascar.

Abanywanyi b’iwe bavuga ko bababajwe cane n’ingene bafashe uwahoze ari umukuru w’igihugu kandi ko batazi aho bamujanye, bakaba bafise n’amakenga ku kigiye gushikira indongozi y’abo.


Nadege

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.