Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Makamba : Abaporona bamenyesha ko badashigikiye uburongozi bwa Concilia (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Makamba : Abaporona bamenyesha ko badashigikiye uburongozi bwa Concilia (...)

Makamba : Abaporona bamenyesha ko badashigikiye uburongozi bwa Concilia Nibigira

samedi 1er Ntwarante 2014

Abadasigana batandukanye bo mu ntara z’Uburundi, babandanya kugaragaza ko bashigikiye umushingamateka Karori Nditije na Varisito Ngayimpenda nk’indongozi zabo mu mugambwe UPRONA, ndetse bakanakenguruka ibihano vyafatiwe bamwe muri uyo mugambwe.

Abagize inama nkuru y’umugambwe UPRONA mu ntara ya Makamba, bashize urwandiko ahagaragara kuri uyu wa 28 Ruhuhuma. Muri urwo rwandiko, abo baporona bavuga ko bashigikiye umushingamateka Karori Nditije nk’indongozi y’umugambwe wabo, nayo Varisioto Ngayimpenda akaba icegera ciwe. Barashima kandi ibihano vyafatiwe bamwe mu badasigana, nko kubirukana burundu muri uyo mugambwe wa Rwagasore, aho bashima iyirukanwa ry’umushingamateka Niyoyankana Bonaventure yatowe mu ntara ya Gitega, Concilia Nibigira yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu nk’uwutwara UPRONA, hamwe na Gaston Sindimwo avuga ko ariwe mu nyamabanga mukuru wa UPRONA irongowe na Concilia Nibigira.

Abo badasigana bakaba basaba Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, kutisuka mw’itunganywa ry’umugambwe wabo, mu kureka inzego bitoreye zikore ku mugaragaro. Tukabamenyesha ko urukurukuru rwari rumaze iminsi ruvuga ko hoba hagira hirukanwe abashingamateka n’abakenguzamateka bose badashigikiye Concilia Nibigira nk’umurongozi wa UPRONA, vyabeshuzwe na Karori Nditije avuga ko ariwe arongoye UPRONA. Amenyesha ko ari ukubasamaza. Ariko rero ayo makuru yo kwirukana abo bashingamateka, akaba yatanguye kunurwanurwa, inyuma y’aho abaporona bakora mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, badashigikiye Concilia Nibigira basubirijwe n’abandi.


Aristide Nizigire

Messages

  • jew simbona ico uwomufasoni arindiriye,yari inyama yintumva?nn rero nihonkivyemera kwari umu DD abure nintara nimwe imushigikira nn amashure aratandukanye nubwenge Imana iduha niyiruke canke yinjire muba dd.sinumvimpanuro azoragabana biwe nambabahari

  • ahubwo mwebwe mutemera ubutegetsi nimugende kuba murukoko musange yabandi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.