IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Makamba : Abasuma biyitirira abakozi b’umurwi CNTB

Makamba : Abasuma biyitirira abakozi b’umurwi CNTB

lundi 24 Ruheshi 2013

Mu ntara ya Kayanza, muri Nyanza Lac, hari abasuma biyitirira abakozi b’umurwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo. Abo banyonyezi bihereza imisozi bagenda barabesha ko ari abakozi ba CNTB, ko bahawe igiturire boshobora gufasha imiryango ifitaniye amatati y’amatongo n’ayandi matungo.

Mu murwi CNTB bamenyesha ko bataramenya abagize uwo murwi, bagasaba abategetsi bo hasi gukurikiranira hafi ibikorwa vy’uwo murwi. Dieudonné Mbonimpa, umuvugizi w’umurwi CNTB aratomora ko abo biyitirira abakozi ba CNTB ari abanyonyezi, agasaba abanyagihugu kurikanura, mukamenya ko komine Nyanza Lac mu ntara ya Makamba ariyo iza ubwa mbere mu kwakira abahunguka ku bwinshi.

Ku musozi Buheka, abasuma bagera kuri batanu biyitirira abakozi ba CNTB basaba amafaranga aharurwa hagati y’ibihumbi 250 n’amajana atatu, bakabesha ko bashobora gufasha gukemura ibibazo vy’amatongo biri hagati y’imiryango y’abasangwa n’iyahungutse. Amakuru ava mu ntara ya Makamba, umusozi Buheka amenyesha ko abanyagihugu batari bake boba baraguye muri uwo mutego, baragondozwa batanga ayo mafaranga kuri abo banyonyezi.

Musitanteri wa komine Buheka, Prudence Kabura amenyesha ko bamaze kumenya ibikorwa vy’uwo murwi w’abasuma, ko bariko barakora ibishoboka kugira bawutuze.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.