Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Makamba : Bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure bagirizwa kuba boba batunze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Makamba : Bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure bagirizwa kuba boba batunze (...)

Makamba : Bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure bagirizwa kuba boba batunze inkoho

vendredi 2 Rusama 2014

Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Makamba badashima kwivuga amazina, bamenyesha ko muri komine ya Kibago rumwe mu nrwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD bafise inkoho.

Nk’uko ayamakuru tuyakesha bagenzi bacu bakorera isamiri y’Isanganiro babimenyesha, urwaruka rw’Imbonerakure rumaranye iminsi ivyo birwanisho, ndetse hakaba n’umuyobozi w’ishure bigeze kubona afise inkoho ntoya bita pistolet mu minwe. Ikindi gitera amakenga abo banyagihugu, akaba ari utunama tugirishwa n’abakuru b’imitumaba.

Abo banyagihugu bo muri komine ya Kibago bakavuga ko batipfuza ko amaraso yosubira guseseka, ari naco gituma bipfuza ko ukuri kwoja ahabona, gutyo amatohoza ataho yegamiye agatamgura, ndetse nabo bakaba bavuga ko boterera muri ayo matohoza.

Mukamenya muri iyo ntara isanzwe iri mu Bumanuko bw’igihugu c’Uburundi, havugwa ko mu makomine ya Mabanda na Nyanza Lac hari abanyagihugu boba baragiye gutora inkoho zigera kuri 51. Abanyagihugu baho i Kibago bagata umwikomo ku batware bo hasi ataco bakora kugira bakingire umutekano abanyagihugu, kuko ivy’izo nkoho bazi neza ko abo babarongoye babizi.


Aristide Nizigire

Messages

  • - Aho i MAKAMBA inkoho hari benshi bazitunze kuva muri 2009, kandi bazihabwa nabatware bo muri POLICE nabo muntwaro uhereye kuri bulamatari gushika ku mukururu w’umutumba
    - Imbonerakure zigizwe nabahoze mw’ishamba bica abantu nibo bazifise kandi ninyishi kuva 2009 ,ivyo birazwi ariko abategetsi baho ntaco bakora kugira bazibake
    - Murabitohoza neza i KIBAGO ni komine yuzeyemwo inkoho kubera abahungutse ari benshi bafise umugambi wo kwica abasangwa babatutsi, na bahutu bo muri OPPOSITION,
    - Naho kuri CENTRE MAKAMBA IMBONERAKURE zirafise inkoho zikoresha mu kwiba no gutegera imiduga Ku RUKONWE, nibo bama bategereye imiduma iyo bugorovye kandi bakorana naba POLICES hamwe NABASODA bamwe bamwe
    - Nukuhagabira kuko intambara yama ihera iyo mu Buragane za NYANZA LAC na RUMONGE.

  • mbega C N D D F D D yagiye mwishamba i rondera iki??????????????? gishasha ku gihugu yakuzaniye nikihe??

  • izo nkuru si izo ukuri kuko ntibishoboka ko CNDD-FDD ko yokora ikibi nkico yibutse naho vyatugejeje.

  • Hanotubonyeko ibirwanisho ngovyatanguye gutangwa mwumyaka yaza 2009 kandihakaba harihumugambi wa reta utarahera wokwaka ibirwanisho mubarundi bakibifise, kubwivyo ndashaka kwibariza utubazo tubiri (2) canke turenga. Mbega ivyobirwanisho bivurwa vyatanguye gutangwa muri 2009 nivyomwavuze vyogukora Genocide? Nkongerankabaza nti: mbega mwonyemezako bariyabose bagasubije ibirwanisho nunomusi bakibishubiza kuko turabizi kobikirimwo mugihugu namakungu arabizi nonevyose ababisubije nabakibifise nimbonerakure? Rekancemboneraho akaryokokuvugako inzandiko zose zanditswe zikarungikwa muri ONU ndemeza kwari irementanya ryeruye kukontakuntu abantubotanga ibirwanisho muri 2009 vyogukora Genocide ubona hanyuma bikazakuvurwa muri 2014 arukwamatora yegereje.Nambamushakako igihugu giterimbere nkukomukunzekuvuga ngo muharanirako igihugu coterimbere kuruta ukokiri uyumusi, gerageza murondere amajambo ashoboka mukoresha mukurondera abanywa bimigambwe yanyu nomukurondera ukomwozoronka intsizi mumatora yimirije, ariko mwirinde amajambo yotuma abarundi duta naduke twaridufise, ningenzi zigahagarika kuzamu Burundi nibindibifasha kugira amajambere abemugihugu bigahagarar.Iizomvugozose abatirinda kuzikoresha jewe nubwobombwira ngobashaka ko igihugu giterembere sinzovyemera kuko abonibamwe bavugati mugihe tutarose ivyodushaka ngoniterambere ryoshaka ryohagarara (niwanka bimeneke) bishobotse arinavyobituma bamiza mubenegihugu amajambo asanayaberekako ahobuhera bagiye kubona ivyago nkukonabivuze haruguru ko bamwe iyobabuze ivyobashaka mugihugu bacababusya batambaye mukurondera ukuntu hoboneka icokwonona nabikevyaribihari, kuko muramaze kubonako bobo bababarindiranywe igishika hiyoza Bulaya nahandi. Kuberarero bobababafise iyobaja nicogituma mukuvuga batitangira bitwajengo muntwarorusangi ngonikobimeze kandimuvyukuri wanareba niyo intwarorusangi yatanguriye yanatsimbataye ntabantu bakoresha amajambo nkayobakoresha bamwe nabandi ngaha iwacumu Burundi. Ndarangije nsaba reta yuburundi kwamana umwitwarariko isanganwe wokwitaho abarundi bamoko yose kuko abobaguma bavuga ayamuhe bashobora kwanduka bagashotora kugira kugirabavugeko ivyobavuze bitanguye ubworero mukwiye kubamuribazahakirikare mutimbega mugihe tuzoshotorwa tuzovyifatamwo gute? Icambere nukwitaho gukingira abarundi bamokoyose cokimwe nabarundi bava mumigambwe yose. Mazebazomaramare kugezanaho nabanywanyi babobazobona kobihenze kujamumigambwe irongowe nabaraho! ndaziko abobenegihugu ntibizobangombwako bacabaja mumugambwe urikubutegetsi ariko bazoca bironderera iyindimigambwe bajamwo ariko nuwurikubutegetsi ntibazoreka kuwujamwo. Aharero ndabwiye abarundi ati ntmuzokwigere mwemerako babatanga nkibitambo muriyamvugongo uwutarose agapfa ntaronka agakira, ntimubemerere ngiramurabona Alexis ukuntu yatanze abana bu Burundi bagasigara barahangana nigi polisi c’gihugu maze nawe bikamusha kwihereza izira yokumushikana i Bulaya maze amaze kugera hanze yigihugu mukwenyegeza akariro mugihugu yahamagaye abamenyeshamakuru ababwirango’ arimuntara ya Kirundo ngokandi ngwabarundi bomufashe ngonibo barikobaramufasha mubuzima bwamisiyose, ariko harihaho ndamutahura nigihugu yavugiyemwo naconyene numvabirirwabararirimbango bafitaniye amasezerano nuburundi yoguhana abaronderwa nyene ahokumufata ahubwo bamufashije kugira arengane, nanjenti: barundi, reta yu Burundi, murabonyeko babahenda ngomufitaniye amasezerano? Ariko Tanzania ndayemera harigihe yigeze gucakira Alexis Sinduhije cagihe ataribwahunguke! Tanzania ntiyaga amasigaracicaro.

  • Mbega ayo matohoza nayiki?Gusa iconzi n’ikinyoma cambaye ubusa.Abo bakwiragiza ivyo bihuha nibo bahora bazitunze ariko ubu bazatswe baguma baboroga,bamenye ko ubu irementanya ntaco rikivuze.si mu 1972 aho amarementanya yamara abantu.

  • ariko akarimi kumwe kararyoha nta nkoho imbonerakure zifite ahubwo inkoho ziri muma camp:yabadeprase izindi zifitwe nabantu bake bari barazihawe na iporona kuko ntazo basubije aha rero abazihawe na iporona bazicaranye barazwi kuva muducimbiri

  • MURAKOZE KUMPA IJAMBO MBEGA ZIRYA MBONERAKURE ZAGUYE MURIRYANGWANO ZIRIKO ZIZIRA IKI MBEGAH0H0 MURIRIYASHAMBA BARIK0 BAK0RAY0 IKI HANYUMA RETA IGACA IZA NGAH0 IKATUBARIRA NG0 NTABIRWANISH0 BIRIK0 BIRATANGWA MURWARUKA RWIMB0NERAKURE IKINTU KIBABAJE NABAVYEYI BARIK0 BABURIRA MURIRY0 SHAMBA KANDI TUBARIRWA K0 ATANTAMBARA IZ0SUBIRA KUBA MUGIHUGU CUBURUNDI BEGA H0H0 MURIRY0SHAMBA IY0MYIMENYEREZ0 BARIK0 BAGIRIRAY0 BARIK0BITEGURIRA KUJANWA MURI S0MARIYA CANKEHARIH0 IKIR0BERI CAVUTSE BITEGURIYE KUGWANA NAC0 AHUBW0 NIBATEKEREJE KUK0 UBURUNDI SI ICIBARE CAB0 KUK0 HARYABARI BAMENYE K0 HARI ABANDI NAB0NYENERER0 BAZ0HAVA URUCIRA MUKAS0 RUGAHITANA NY0K0.

  • Abariko batanga izo nkoho bose bamenyeko bariko bakwegera uburundi mu kaga gakomeye kurusha akabaye kuva uburundi bucikukira. Ubu abatutsi tuzokwerekana ko turi hejuru ya bose mu bukerebutsi abo nunva ngo na ba dd bamenye ko remote controled bomb arizo zizokoreshwa mu kwivuna

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.